IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwagiriza "Rwembe" yararonse umutahe wo kuja gusura

Uwagiriza "Rwembe" yararonse umutahe wo kuja gusura

mercredi 5 Ruheshi 2013

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 5 Ruheshi 2013, niho Nurweze Misheli batazira Rwembe aza kwitaba mu butungane mu ntara ya Gitega, aho yagirizwa ivyaha bitandukanye harimwo ukunyuruza abantu, ukwica abantu urw’agashinyagu, ubwicanyi ndengerabutungane ( execution extra judiciaires).

Rwembe yafashwe igenekerezo rya 2 Mukakaro 2012, akaba yari icegera c’umukuru w’igipolisi mu ntara ya Gitega. Muri iyo ntara akaba ariho yagirijwe ko yakoreye amarorerwa abanyagihugu. Twobibutsa nk’urupfu rwa Leandre Bukuru umunywanyi w’umugambwe MSD yishwe maze umutwe wiwe ugatorwa mu kazu ka sugumwe, umutumba nawo uri ahandi, Claude Nahayo Batazira Nzungu yakuwe kuri gare du Nord, Juvenal Havyarimanayanyurujwe akaja kwicirwa mu Ntara ya Mwaro, eka ndetse n’inyuruzwa rya Zakariya wo mu ntara ya Ruyigi.

ahatowe umutwe w'umuhisi Leandre Bukuru

Rwembe kandi aragirizwa kuba yarahatswe kugandagura Firiberi Kimararungu, na Manweli. Abo barokowe n’Imana kuko yari yamaze kubafata, ndetse biteguriye kwiataba Imana. Aragirizwa ndetse kuba yarahohoteye abakozi bo mu nzu babiri, ubu bakaba baramugaye.

Kuva bimenyekanye ko azitaba, abakurikiranira hafi agateka kazina muntu ndetse n’ibinyamakuru bitari bike vyo mu Burundi, barashatse ku menya ukwo urubanze rwiwe ruteguye kuburanishwa, niho basanze gushika ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 4 Ruheshi isaha y’icenda, icabona gikuru muri urwo rubanza ariwe Gaston Gahungu yari umukuru w’usozi Songa muri komine Gitega, atari bwaronke umutahe wo kuja gusura ivyo azi kuri Rwembe, ubu nk’uko amakuru ava aho i Gitega abivuga, ejo ku mugoroba Gahungu Gaston yaratumweko, akaba aza kwitaba mu rubanza.

Twobibutsa ko Gahungu Gaston avuga ko azi vyinshi, kuko hari umunsi nawe nyene yahatswe kugandagurwa ari uko yanse kwemeza ko abanyagihugu bari bahejeje gufatwa na Rwembe bari inkozi z’ikibi.

Abari mu mashirahamwe akurikirana agateka kazina muntu barashimishwa n’uko icabona muri urwo rubanza catumweko, kandi bakipfuza ko n’abandi bafashanije na Rwembe mu gutoteza abanyagihugu, ko bomenyekana bagahanwa bimwe vy’akarorero.


Aristide Nizigire

Messages

  • Atagikozwe cihuta indyane z’amoko zirasubiye kwaduka mu Burundi. Sagaseseshwa rumuri ko Serapiyo ari intumwa ya CNDD-FDD mu kwihora biciye mu kunyaga abarundi b’abatutsi ivyo babiriye akuya. Rero ntitwicare ngo dusye bwose, uyu musi ni Nyakabeto, ejo ni jewe canke wewe. Mbona igihe cose CNTB izobandanya umugambi mubi wo gutuza ubwoko twokwama tuhashika tukiyamiriza ako karenganyo ata gutinya gupfungwa kuko ukuri kuzotinda gutsinda

  • Atagikozwe cihuta indyane z’amoko zirasubiye kwaduka mu Burundi. Sagaseseshwa rumuri ko Serapiyo ari intumwa ya CNDD-FDD mu kwihora biciye mu kunyaga abarundi b’abatutsi ivyo babiriye akuya. Rero ntitwicare ngo dusye bwose, uyu musi ni Nyakabeto, ejo ni jewe canke wewe. Mbona igihe cose CNTB izobandanya umugambi mubi wo gutuza ubwoko twokwama tuhashika tukiyamiriza ako karenganyo ata gutinya gupfungwa kuko ukuri kuzotinda gutsinda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.