Accueil > Inkino > course > Uwahoze arongoye BRARUDI yabonanye n’abanonotsi bahoze mw’ishirahamwe (...)
Uwahoze arongoye BRARUDI yabonanye n’abanonotsi bahoze mw’ishirahamwe yatanguje
jeudi 11 Nyakanga 2014
Uwahoze arongoye ishirahamwe BRARUDI yahuye n’abahoze mu murwi w’abanonotsi bari bahurikiye mu murwi wari wegamiye BRARUDI. Yagarutse asanga uwahoze ari umumenyereza w’abanonotsi asigaye aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama. Yasabwe ko yofasha mw’inagurwa rw’umurwi nk’uwo muri Brarudi.
- Abanonotsi bahoze mw’ishirahamwe "Club Sportif Amateur BRARUDI"
André Verwilghen yashinze umurwi "Club Sportif Amateur Brarudi" ashitse mu Burundi yabajije iyo bamwe mu bahoze mu murwi wiwe bagiye, ariko kwumva ko Adolphe Rukenkanya aramutswa ubushikiranganji bw’inkino. Mu ntumbero y’urugendo rwiwe harimwo kubonana n’abanonotsi bahoze mw’ishirahamwe yari yatanguje. Adolphe Rukenkanya yeretse ko abanonotsi co kimwe n’izindi nkino zitaweho mu Burundi, ko n’ubu ubushimwe buguma buza, buvuye mu nkino zitandukanye zaba izihuza akarere Uburundi burimwo canke mpuzamakungu.
- Andre Verwilghen na Adolphe Rukenkanya
N’umunezero mwinshi kubona ari i Burundi, Verwilghen yibukije ko uwo murwi wari uhurikiyemwo abanonotsi bagera kuri 41, aho bamwe bamenyekanye cane kw’isi mu kuronka imidari itandukanye. Baranaronswa uburyo bwo kubandaniriza amashuri y’abo mu makungu. Ivyo vyashingiwe intahe na Kwizera Dieudonné azwi kw’izina rya Muvuduka, aho yibukije ibihe bimwe bimwe nkora mutima vyaranze abanonotsi bo muri iryo ishirahamwe.
Kwizera Dieudonné yasavye ko umurwi "Club Sportif Amateur Brarudi" wonagurwa, eka n’ayandi mashirahamwe agashigikira igisata c’abanonotsi gisanzwe gifasha urwaruka rw’abanonotsi mu kwiteza imbere no kumenyekanisha Uburundi.
Mwomenya ko André Verwilghen yabaye umurongozi w’ishirahamwe BRARUDI kuva mu mwaka w’1979 gushika mu 1988. Umurwi " Club Sportif Amateur BRARUDI" watangujwe mu mwaka w’1983 uhera mu mwaka w’1994. Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama niwe yari umumenyereza w’uwo murwi.
Cherif Nkeshimana