Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uwahoze ari umuganga wa Charles Taylor yahitanwe na Ebola
Uwahoze ari umuganga wa Charles Taylor yahitanwe na Ebola
lundi 28 Mukakaro 2014
Dr Samuel Brisbane, yahoze ari umuganga wa Charles Taylor yahitanwe n’ikiza ca Ebola. Amakuru atangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Liberia amenyesha ko uwo muganga yandukiwe n’umugera wa Ebola mu gihe yariko avura abanyagihugu barwaye iyo ngwara mu gisagara ca Monrovia.
Uwo muganga wa mbere yitavye Imana kuva ico kiza cibonekeza, Dr Samuel Brisbane yandujwe n’abanyagihugu yariko aravura, ari nakwo guhava asandaba ahitanwe n’iyo ngwara iriko iriha inkumbi mu burengero bwa Afrika. Amakuru atangwa n’abariko barakurikirana ico kibazo, akemezwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS), amenyesha ko ico kiza kimaze guhitana abantu baharurwa mu 660 mu bihugu vya Guinee, Liberiya na Sierra Leone, bikavugwa ko n’igihugu ca Nigeria coba camaze gutandukirwa. Kugira batangure kwikeka ko ico kiza coba catandukiriye n’igihugu ca Nigeria, muri ico gihugu hari umunyaliberia yapfuye akiriko arapimwa icoba camuteye gutakaza amaraso menshi hamwe n’ubushuhe, aca acikanira mu bitaro.
Mw’ishirahamwe mpuzamakungu OMS (Organisation Mondiale de la Santé) bavuga ko ivyo bitigiri vy’abariko bahitanwa na Ebola bibaye ivya mbere kuva muri kahise.
Egide Nduwimana