Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Tchad yasabiwe gupfungwa ubuzima bwiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Tchad yasabiwe gupfungwa ubuzima bwiwe (...)

Uwahoze ari umukuru w’igihugu wa Tchad yasabiwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose

jeudi 11 Ruhuhuma 2016, par egide

Umushikirizamanza mukuru muri sentare y’i Dakar muri Sénégal, ahasanzwe hariko haburanishirizwa urubanza rw’uwahoze arongoye igihugu ca Tchad, Hissène Habré, yamusabiye igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, ico gihano kikaba arico gifatwa nk’ikiruta ibindi vyose mu bitangwa n’iyo sentare ifise urwo rubanza.

Umushikirizamanza Mbacké Fall, mu rubanza rwabaye kuri uwu wa gatatu, yamaze hafi amasaha indwi ariko asigura impamvu Hissène Habré yagirizwa ivyaha vy’uguhohotera agateka ka zina muntu, ivyaha vyo mu ntambara, hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane, yerekana igituma akwiriye gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

JPEG - 25.6 ko
Hissène Habré, umukuru w’igihugu wa Tchad

Umushikirizamanza Mbacké Fall yasabiye Habré igihano kiruta ibindi kuko n’aho iyo sentare ifise urwo rubanza itemerewe gutanga igihano co gupfungwa imyaka irenze 30, iyo sentare irashobora gutanga igihano c’ugupfungwa burundu, bivanye n’uburemere hamwe n’ubukomezi bw’ivyaha biba vyagirizwa uwitwariwe.

RFI dukesha aya makuru yamenyesheje ko ishirahamwe ry’abagizweko ingaruka z’ivyaha Hissène Habré yakoze bashimishijwe n’igihano yasabiwe, kuko n’ivyaha yakoze bikomeye.

Abashingwamanza bafasha Hissène Habré kuburana bamenyesheje ko batatangajwe n’ivyasabwe n’umushikirizamanza, bakavuga ko biteguriye kuri uwu wa kane, kwerekana ko uwo baburanira arenganwa.

Ku butegetsi kuva mu mwaka w’1982 gushika mu mwaka w’1990, Hissène Habré yagirizwa ivyaha vy’uguhohotera agateka ka zina muntu, ivyaha vyo mu ntambara, hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.