Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwuserukira Urwanda mu Burundi yatanguye icese amabanga yiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwuserukira Urwanda mu Burundi yatanguye icese amabanga yiwe

Uwuserukira Urwanda mu Burundi yatanguye icese amabanga yiwe

mardi 17 Ruheshi 2014

Uwahawe amabanga yo guserukira igihugu c’Urwanda mu Burundi yashikirije umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amakete amugena muri ayo mabanga, yarungikanywe na Paul Kagame, umukuru w’igihugu c’Urwanda. N’uwahoze arongoye ikigo OBR yarangije ikiringo ciwe yasezeranye n’umukuru w’igihugu.

JPEG - 1.1 Mo
Amandin Rugira aje guserukira Urwanda mu Burundi

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yakiriye uwuje guserukira igihugu c’Urwanda mu Burundi. Amandin RUGIRA yazaniye Petero Nkurunziza amakete amugena hamwe n’intasho yarungikanywe na Paul Kagame umukuru w’igihugu c’Urwanda. Amandin Rugira avuga ko aje gukomeza ubucuti igihugu c’Uburundi cunze n’Urwanda. Amandin ati : "Nta Rwanda nta Burundi kuko kimwe kidatekanye n’ikindi ntigitekana".

Inyuma yo kwakira Amandin Rugira agiye guserukira Urwanda mu Burundi, Petero Nkurunziza yaciye yakira Kieran Holmes yahoze arongoye ikigo gitoza amakori n’amatagisi ya Reta (OBR). Abayeho Gervain, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko umukuru w’igihugu yashimiye bivuye ku mutima ibikorwa Holmes Kieran yahora arongoye ikigo OBR yaranguye mu myaka ine yari ahamaze. Ico gisata carafashije Reta kurangura imigambi ikomeye harimwo kuronsa uburyo bwo kwubaka ingomero zizofasha igisata c’umuyaga nkuba, gufasha mu gisata c’uburimyi n’ibindi. Kuva aho Holmes Kieran atanguye kurongora OBR, amahera ico kigo cahora cinjiza yagwijwe na kabiri.

JPEG - 1.1 Mo
ABAYEHO Gervain, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Uwo munyarwanda ni mubi saaana niwe yari ambassadeur muri congo niwe yinziza abasoda binkotanyi muri congo,Barundi benewacu igiti ntikigukora mujisho 2,peter nawe ntiwibagire !!!!!

  • obr,niyoyatumyeabadandaza,duhunganiyurikurashimira,nonenyama,obr,yanyuyatembagaye??,cankaracharaho,ahubonaa,abarunditwaragowe.wakozekumushimira,kwagiyeadutembagaje.§§§

  • Murabamaso ubu ndusigaye dutinya Urwanda ahoperezida wicogihugu avugiye kwazoza arasa abantu kumutaga riva.

  • Bantumuri iburundi uwomugabo mumucungire hafi jew ivyiwe narinarabibonye kukinyamakuru kirihano narintegereje kwashika gusa mbabwiye mugabe uwomugabo ntabucuti bwiw baje bamukuye muri congo kubera bamaze kumugundura yarafise na karwi kabamaraya akoresha amahono abayatumwe na shebuja kagame mwebw murabeneza ningene abanyarwanda bagiye gutangura kunyuruzwa nkukobaheruka kunyuruza umurwizatunga arihano rujugiro bamubakuye ngaho.

  • Asha uwomugabo bamurabe neza birazwi ivyoyamaze murikongo murinominsi yarahabay nkokubona urya mutam rujugiro akurwangho kandi bakamwuriza indege abantu bakorangaho bakukibuga bajejwiki?urwanda rugire ngaho nkivyo rwirirwa rukora ibugande?muzikobabasuzugura?ikibwirwa nicumva icerekwa ni........

  • haaaaaaaaa ndumiw abarundi nuko ndusigay twiyumvira mbe mugab kuberiki konz atakibi ndukora kirest nihaba harico uhisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.