IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > KAZIRI Joseph (Yussuf) yagirijwe ko ariwe yari arongoye abateye mu (...)

KAZIRI Joseph (Yussuf) yagirijwe ko ariwe yari arongoye abateye mu Cibitoke

lundi 19 Nzero 2015

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi amenyesha ko naho izina ry’umurwi wateye mu Cibitoke ritarameyekana, abateguye kirya gitero bariko baramenyekana, bakaba bazomenyeshwa abarundi n’amakungu igihe nicagera. Valentin Bagorikunda avuga ko na bamwe bamwe mu barwanyi bari mu Cibitoke bamaze kumenyekana.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabaye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yamenyesheje ko umurwi w’abateye mu Cibitoke wari ugizwe n’abarwanyi bagera ku jana na mirongo icenda (190), benshi muribo bakaba bava mu ntara za Kirundo (abarwanyi 41), Makamba (abarwanyi 35), Ngozi (abarwanyi 23), Cibitoke (abarwanyi 11) hamwe na Bubanza (abarwanyi 10), muri abo barwanyi hakaba harimwo abana b’imyaka 15, 16, na 17 nk’uko umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika abimenyesha.

JPEG - 75.2 ko
Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika

Valentin Bagorikunda avuga ko abarwanyi bashitse mu Burundi bari barongowe n’uwitwa KAZIRI Joseph batazira Yussuf. Valentin Bagorikunda ati : "Abarundi benshi barazi uwo KAZIRI Joseph (Yussuf) kuko yigeze kuba yahawe indaro n’iradiyo imwe muzivugira i Bujumbura imbere y’uko aja muri ubwo bubisha, akaba kandi yarigeze guhabwa indaro n’ishirahamwe rivuga ko riharanira agateka ka zina muntu, hamwe no mu rundi rwego rukurikirana ibibazo vy’agateka ka zina muntu.". Ico gihe Valentin Bagorikunda avuga ko uwo Kaziri Joseph yari ahejeje gutoroka igisirikare c’Uburundi.

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yamenyesheje muri ico kiganiro ko n’imigambi y’uwo murwi yamenyekanye, ikaba yari kurangurwa mu biringo bitatu kuva mu kwezi kwa Kigarama 2014 gushika mu ntango z’ukwezi kwa Rusama 2015. Nk’uko Valentin Bagorikunda yabishikirije, mu kiringo ca mbere gihera mu kwezi kwa Kigarama 2014 gushika mu ntango z’ukwezi kwa Ruhuhuma 2015, cari ikiringo c’ugushinga imizi mu Burundi muvya poritike na gisirikare. Muri ico kiringo, uwo murwi wari kwihatira kumenya aho Imbonerakure ziri, n’ibirindiro vy’abaporisi, kugira babatere.

Ikiringo ca kabiri catangura muri Ruhuhuma kikagera mu ntango ya Rusama 2015, uwo murwi ukaba wari wateguye kubandanya ibitero ku Mbonerakure no ku birindiro vy’igiporisi. Muri ico kiringo nyene, uwo murwi wari wiyemeje kubuza imyiyamamazo y’amatora.

Ikiringo ca gatatu cari categuwe gushika mu ntango ya Rusama 2015, intambara ikaba yobaye mu gihugu cose, ikarangira mu mpera z’ukwezi kwa gatanu abo barwanyi bafashe ubutegetsi bw’igihugu.

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, Valentin Bagorikunda amenyesha ko naho bataramenya izina ry’uwo murwi w’abarwanyi avuga ko bari barongowe na KAZIRI Joseph batazira Yussuf, amatohoza arabandanya, akizeza abarundi n’amakungu ko bazomenyeshwa ukuri inyuma y’ayo matohoza avuga ko ageze kure.

Tubibutse ko hari umwe mu barwanyi bishikanye, avuga ko ari mubari barongoye ico gitero cabereye mu ntara ya Cibitoke. Aho apfungiwe, uwo murwanyi yasavye ko bomuzanira Général Adolphe Nshimirimana na Général Alain Guillaume Bunyoni, hama ace ashikiriza ivyo azi vyose kuri ico gitero.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mwarahejejeguhira ku ntonde abagiye kudenderezwa da!!!Shaka mufunge mbere mwice benshi uko mwumva mubushaka"IHEREREZO RYANYU RIZOBA RIBICAAAANE" kurusha irya Idd Amin Dada wa Uganda!!

  • Politic irakomeye,nimuze dusabiruburundi barundimwese

  • Basha bigira bize ahabona none ko uwomuntuyashavye abo bantu2 kugira avuge habuze iki??kugira abo bantu bagende? erega woshanga aribo bari barongoyeico gitero ivyaba cndd nibirebire wewe warabonye aho umugwi wateye utamenyekana!! aho kureke abaribishikanye kugira bavuge ukuri baguma bitswa! oya abo uyomufungwa yabashavye nibagendehama ukuri kuze ahabona ok

  • None abaciwe imitwe n’imbonerakure bo, azobatunganirizwa na nde? niwe niwe bagorikunda! Le peuple t’attend au tournant. Beaucoup seront ravis de te voir depourvu de l’armadan de policier, marchant dans la rue, et se réjouiront de te regarder avec des yeux pleins de pitié.
    Kandi si kera,

  • Ndikondabona abaribashigikiye abobateye hanonyene kwarunorubuga bibonekeje! Abandinabo nabantubapfagushigikira abantu bataziko aramabingira barikobarashigikira! Nkiyo radio yarajije uwo Kaziri jewenibazako itarizi akamuri kumutima!? Cokimwe niryoshirahamwe riharaniragateka kazinamuntu ryamunyegeke rikanamufasha guhuga jewe nibazako ritaririzi ivyo agiye gutegura!? Ndabwira mwebwemwese mukomeza Kubona uwukoze ikosha agatangura kuza kubasaba indaro nokubasaba ubufasha bwojubatorokesha, murakinata nimbombe abarundi ngo nukunyegeza ikara mumishambara! Abarundi bamwebamwe ndabasaba mugabanye ivyovyiyumviro vyokubona Ko icokintucose kije kibakubiri na leta yuburundi yubu mucamubonako aricogushigikira mbere mugezenaho mubonanabasi buburundi bateye igihugu canyu mucamwigira sindabibazwa ngobateye CNDDFDD!!! Nizereko nkabobose bafasbije uwo Kaziri kobataribazi kwagiye kwitegurira ibiyakoze kandinizereko ahobari barikobaribazako iyobamenya kwaribi agiyemwo batarikumufasha, niyabatakwicuza bihari baribazi umigambiyose agiyemwo canke bamurungitsemwo gukora. Harihigitabo ngifise abanywanyibeshikw’Isi nigezegusoma nsanomye ahantu nsangahanditsengo" Mwihane kukubwami bwomw’Ijuru burihafi.

  • None uwo kaziri ko ataravyemeza? rishobora kuba ari irementanya! none hoho abasigaye mubateye bagiye hehe ko batabakurikiranye?

  • Abantu mudendereza abandi muca imanza za ngondagonde siko bizohora igihe kizogera mubazwe imanza za ngondagonde mwaciye kandi Imana namwe izobacira urubanza mwijuru ntamushikiriza manza kizigenza wa repubirika twese tuzocirirwa imanza.

  • niho bayamaze ngo izina niryo muntu uri bagori kunda koko ntahutaniye na adolph hitler...mbega mwebwe ivyo mwakozi mugirango ntitubizi?none namwe muzokurikiranwa nande ko mwisarisha mukwagiriza abandi..kadege umusaza yoba asumba naso mwaramuhohoteye..biba akamizwe ningoma none nuyo kaziri uti mugira mumuzirike nawe mugabo muribuka ko uyo ari kaziri muzomuzira..

  • Sasa kwakitu naweza nikasaidia hapo,kuna shelia zinawe kumutuhu binadamu,na kuna vitu vinaweza kumshika mtu kisheria,je kusema kuwa kaziri ndo kiongoze wa maasi,kunabidhibiti vingapi vinahakikisha kuwa niyeye?je tarifa zinaweza kutoka kwaware walio tekwa nyara?angalieni vizu,waliyo tekwa nyara wanaweza wakaongea kwa kutokana na kupigwa sana,mfano:kumbuka walivyo kuwa wana mpiga Mh.MARIE KADEGE.kwa Video niliyo angalia aliwambia kwamba hata nawewe muheshimiwa nikichukuwa fimbo nikakupiga unaweza kuongea visivyo,hapo,tuwe hange,nakama mimi,ndi nchi yetu tulisoma rakini bado sheria zinatushinda.ok i haven’t alotof.

  • Nugusaba Imana ikagarukira abarundi, igakura indyane mu barundi. Commentaires zo kuri Valentin Bagorikunda twozireka tukazozigira yahejeje igikogwa arimwo. Amajambo yo gurtyoza si meza arico gituma nohanura mwebwe abamenyeshamakuru ariko si bose, kuza murashira amakuru amwamwe ahabona mwabanje kuyaraba neza. Urwaruka rureke kujana nyabahururu kuko rurahendwa cane, ni rurondere ikirubeshaho aho kuguma bata umwanya bahendwa nabitungiye kera. Bategerezwa kubaho, twumvirize neza iryo bagona twabanje kubaza umutima. Ejo uzoja mu ntambara ugweyo usige amarira mu muryango: raba mu cibitoke ayo babonye. Mubona mwobahanura kubandanya? Oya da. Nivyo CNDD-FDD irakomeye kandi ndabisha amaso nkumu neutre izongera gutsinda: none tuzoca twiyahura twebwe tutayirimwo? Canke ubuzima buzobandanya! Kura amaboko mu mpuzu dutezimbere igihugu nyabuna tureke abavuga bavuge, abiyumvira gusesa amaraso yabandi bahenzwe Imana iriho izobavunagura amaboko, abigisha inyigisho mbi zo kuronkera ivyo bipfuza mu migumuko no gusesa amaraso ya bene wabo tubime umwanya na mutoya turabe uwo bikorako.

  • Nibanyarutse turarindiye ukuri kuje ahabona

  • IMANA IKOMEZE IHEZAGIRA UBURUNDI.IRABUZI KND IRABUSOBANUKIWE

  • Abo babiri bavuzwe nuwo mugabo ntibashaka amatora, nibo bari bateye bashaka gufata ubutegetsi kugikenye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.