Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwari yanyuruje indege "EgyptAir" yatawe muri yompi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwari yanyuruje indege "EgyptAir" yatawe muri yompi

Uwari yanyuruje indege "EgyptAir" yatawe muri yompi

mardi 29 Ntwarante 2016, par egide

Umugabo yari yanyuruje indege yunguruza ingenzi mu gihugu ca Misiri, akayitegeka kugwa mu gihugu ca Chypre yatawe muri yompi. Abari bagizwe ingwati nabo barekuwe, nk’uko abategetsi ba Chypre babimenyesheje.

Abategetsi ba Chypre na Misiri batangaje amazina y’uwari wanyuruje iyo ndege ya Misiri "EgyptAir". Uwo mugabo yatawe muri yompi ni Seif el-Din Mustafa. Yavuye muri iyo ndege amanitse amaboko, abaporisi bajejwe kurwanya iterabwoba baca baramufata.

Mu gihe avuga ko yashatse ko iyo ndege imutwara muri Chypre ahaba umugore wiwe batandukanye, haracari amakenga ku vyipfuzo uwo mugabo yari afise igihe yanyuruza iyo ndege akagira imbohe abari muriyo.

Tubibutse ko iyo ndege yanyurujwe yari itwaye abantu ivuye i Alexandrie yerekeza i Kayiro, ikaba yanyurujwe n’umuntu yitwaje ibirwanisho yategetse iyo ndege kuja kugwa muri Chypre, nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’ishirahamwe ry’indege rya Air Misri.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.