Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Uwateguye ubwicanyi kw’ishure Kaminuza rya Garissa yishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Uwateguye ubwicanyi kw’ishure Kaminuza rya Garissa yishwe

Kenya : Uwateguye ubwicanyi kw’ishure Kaminuza rya Garissa yishwe

jeudi 2 Ruheshi 2016, par egide

Abategetsi ba Somaliya bamenyesha ko Mohamed Mohamud, uwateguye ubwicanyi bukomeye bwabereye kw’ishure Kaminuza rya Garissa, mu gihugu ca Kenya, yishwe mu gikorwa ca gisirikare cabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri.

Mohamud, azwi neza kw’izina rya Dulyadeyn, yari arongoye umurwi utinywa cane, “Amniyat”, w’umurwi al-Shabab, akaba ariwe yari inyuma y’igitero co mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kw’ishure Kaminuza rya Garissa, cahitanye abantu 148, benshi muri bo, mbere hafi ya bose bakaba bari bagizwe n’abanyeshure bo kuri iryo shure.

Umutegetsi akomeye wa Somaliya, atashatse kw’izina, avuga ko indege za kajugujugu za Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarashe Misile, zisambura imodoka Dulyadeyn, n’abandi bantu babiri bariko bagenderamwo.

N’aho biri ukwo, umushikiranganji ajejwe umutekano mu ntara ya Jubba, Andurashid Janan, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomaliya, ko umurwannyi umwe yishwe n’inteko zidasanzwe z’Abanyesomaliya, zamenyerejwe na Amerika, zizwi kw’izina rya Danab.

Ico gitero cabereye mu gisagara ca Bula-Gaduud, kiri mu bumanuko bw’igihugu, hafi y’ibirometero mirongo itatu, mu buraruko bw’igisagara ca Kismayo.

Ababa muri ico gisagara batashatse kumenyekana, kubera impamvu z’umutekano wabo, batangaje ko bumvise urwamo rw’amabombe mw’ijoro.
Ibiro bijejwe umutekano vy’igihugu muri Somaliya vyemeje urupfu rwa Dulyadeyn.

Umurwi al-Shabab ntaco wavuze aho nyene kuvyerekeye ico gitero. Na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntaco zabivuzeko muri ako kanya nyene.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.