Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Uwatsindiye Umuriyoni muri "Ni Hatari" ntabona uko yoshimira Leo na (...)
Uwatsindiye Umuriyoni muri "Ni Hatari" ntabona uko yoshimira Leo na Econet
lundi 19 Nzero 2015
Amashirahamwe Leo na Econet ntahengeshanya gushikana ivyo yemereye abanywanyi bayo mw’ihiganwa "Ni Hatari" ryatunganijwe ku bw’abo banywanyi. Abakina baguma batsindira umuriyoni ku munsi ku munsi.
Niyonkuru Eric yikorera utwiwe, yatsindiye umuriyoni w’amarundi kw’igenekerezo rya 16 Nzero 2015. Uwo munywanyi w’umuhora wa Leo avuga ko yabuze uko yifata yumvise terefone imubwiye ko yatsindiye amahera angana uko. Abwira abakina bose ko bobandanya gukina, kuko imigisha yo gutsinda iruzuye.
Niyonkuru Eric avuga kandi ko yumva inguvu nyinshi zo kubandanya akina kugira azotsindire za miriyoni 10 zizotangwa ku munsi wa nyuma w’ihiganwa "Ni Hatari", akarangiza ashimira amashirahamwe Leo na Econet ku ciyumviro ciza co kwitaho abanywanyi bayo mu kubaha amahigwe yo kwongereza uburyo bwo kubaho kwabo.
Tuzobashikiriza abatsinze ku munsi wa gatandatu n’uwo mungu aho bukera.
Cherif Nkeshimana
Messages
21 Nzero 2015, 15:00, par Mwa
Ndavyemeye nivyo peeee