Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwuburanira Colonel Richard Hagabimana amenyesha ko uwo aburanira (...)
Uwuburanira Colonel Richard Hagabimana amenyesha ko uwo aburanira yahohotewe
mercredi 12 Myandagaro 2015
Umushingwamanza Alexis Anagnostakis aburanira colonel Richard Hagabimana amenyesha ko uwo aburanira apfungiwe mw’ibohero ryo mu ntara ya Muramvya yahohotewe.
Colonel Richard Hagabimana yahagaritswe kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2015 inyuma y’isakwa ryakozwe ku muhana iwe,aca ajanwa mw’ibohera mu ntara ya Muramvya yagirizwa kwanka kuja mu gikorwa co kubuza imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w ‘igihugu Petero Nkurunziza.
Alexis Anagnostakis avuga ko mu gihe c’imyiyerekano uwo aburanira yasabwe n’abamukurira gukoresha inguvu no gukora amabi mu kubuza imyiyerekano nawe aravyanka,ari naco gituma mu minsi icumi yamaze mu biro vy’igendereza yahohotewe gushika kw’igenekerezo rya 8 Mukakaro aho yajanywe gupfungirwa mu ntara ya Muramvya.
Umushingwamanza Alexis Anagnostakis amenyesha ko ubu uwo aburanira colonel Richard Hagabimana akurikiranwa ku caha co kugira uruhara mw’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi ryabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,kandi atari vyo.
Kubwiwe,igituma conyene apfunzwe nuko yanse gukorera amabi abari mu myiyerekano,kandi bikaba biboneka ko ariko azira imvo za politike,ari naco gituma ipfungwa ryiwe ridakurikije amategeko.
Alexis Anagnostakis asaba ko colonel Richard Hagabimana yorekurwa,hanyuma amtohoza mpuzamakungu agatangura kw’ihohoterwa ryakorewe uwo aburanira,abo kwagirwa nico caha bakajanwa imbere y’ubutungane.
IGIHE
Messages
13 Myandagaro 2015, 08:09, par Mwene Harimesh
Ariko ubwo uwo muhimbiri ntiyoza kuburanira abaiwabu yava konahonyene ingorane zarenze nakongako nibamanze bag ate mumvuto. Agora ngo haracari ubukoroni namwe badutwaza ikimoko?
14 Myandagaro 2015, 23:45, par kajondi
mbe abarundi hazigerigihe mucubwenge Ko ubujuju butimbeteyanyu cane mwibaza ko batari kubahenda aho kumushigikira muranutuse harimenshi urikijuju kuko two numugabo yanse guseS.A. amarasa imana umushiboze kandi atsinde
28 Myandagaro 2015, 13:29, par Birashingani abarundi mwitwe abicanyimuburundinomumakungu emweyemwenimurekane
Bizonya