Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwundi munonotsi yateye iteka Uburundi mu makungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Uwundi munonotsi yateye iteka Uburundi mu makungu

Uwundi munonotsi yateye iteka Uburundi mu makungu

jeudi 23 Rusama 2013

Isaha 1 iminota 5 n’amasegonda 3, niwo mwanya Jean Claude Niyonizigiye yagize muri semi-marato y’i Olonnes mu Bufuransa. Aho hakaba hari mu mahiganwa yabaye kuri uyu wimana uheze igenekerezo rya 19 Rusama.

Uwo munonotsi w’umurundi yiruka ibirere birebire akaba yabaye uwa mbere mw’ihiganwa rigira 21 ryo murico gisagara ca Olonnes. Jean Claude Niyonizigiye akaba abaye uwa mbere muri iryo higanwa ku ncuro ya kane yikuriranya. Yaheruka kuba uwa mbere mu mahiganwa ya semi-marato yo mu gisagara ca Nimes igenekerezo rya 1 Rusama, aho yatsinze ku mwaya w’isaha 1 iminota 3 n’amasegonda 36. Iyo ntsinzi yiwe rero ikaba yatumye mu gisagara ca Marseille aho aba bamuharira ibarabara. Ubu akaba afise ibarabara ryitiriwe izina ryiwe.

Bongeye bamushira mu muhango ko bazonamuha umudari witiriwe igisagara ca Marseille mu gihe yotsindira iryo higanwa irigira gatanu mu mwaka uza.

Uwo yahoze ari umusirikare mu gisoda c’Uburundi avuka i Gitega yakunze kwiruka kuva akiri muto. Jean Claude Niyonizigiye ati: “Nahora ngenda kw’ishure ku birometero nka 10 niruka”. Umunsi umwe yagiye kurorera ihiganwa ryo kwiruka i Gitega . Niho yaca yegera umumenyereza yitwa Nizigama.

Inyuma y’imyimenyerezo y’umwanya muto yaciye atorwa kuja mu murwi nserukiragihugu. Yaranashoboye kugira umwanya mwiza gusumvya uwo Niyongabo Vénuste yari yaragize. Yaragiye araserukira Uburundi i Beijig mu Bushinwa mu mwaka w’2007.

Ubu uwo munonotsi akaba ari umwe musa amaze gutsindira incuro indwi ku kirere c’ibirometero 10. Intsinzi 5 muri semi-marato mu Bufaransa. Nk’uko yivugira agira ati:” Ndagira ukwo nshoboye abantu ntibamenye gusa ko ari igihugu camenyekanye kubera indwano”. Jean Claude Niyonizigiye akaba aheruka kwinjira mu gisirikare c’Ubufaransa. Mu mwaka uza naho akaba azohabwa akabira k’Ubufaransa.


Luc Noel Ingabire

Messages

  • ndi umunyarwanda nkaba nkunda umukino wubononorangingo ni ishema ku rimwe ndetse no kubihugu vya karere kibiyaga binini mugire amahoro no kuronka umukunzi wanyu edison murenzi thomas

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.