Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwurongoye SOGEMAC yafunzwe yagirizwa guturira isoko nkuru ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Uwurongoye SOGEMAC yafunzwe yagirizwa guturira isoko nkuru ya (...)

Uwurongoye SOGEMAC yafunzwe yagirizwa guturira isoko nkuru ya Bujumbura

vendredi 1er Ruhuhuma 2013

Cyprien Horugavye arongoye ishirahamwe SOGEMAC rijejwe gutunganya isoko nkuru ya Bujumbura yafashwe yagirizwa ko azi vyinshi ku muriro wahitanye ibidandazwa vyose vyari mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Ashikanywe mw’ibohro rikuru rya Mpimba yaciye yagiriza ko ariwe guturira iryo soko.

Ku mutahe wo kumuhagarika kuri uyu wa gatanu italike 31 Nzero 2013 hari handitseko ngo ‘’complicite d’incendie’’ bisigura ko azi vyinshi kw’isanganya ryahitanye isoko nkuru yose ya Bujumbura. Uwo ni Cyprien Horugavye arongoye ishirahamwe SOGEMAC rijejwe gutunganya ku munsi ku munsi isoko nkuru ya Bujumbura.

Ashikanywe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yaciye ahabwa umutahe wanditseko ngo ‘’Auteur de l’incendie’’ n’ukuvuga ko ari yaturiye canke yategetse ko isoko nkuru ya Bujumbura iturigwa imbonankubone.

Uwumubaranira Maitre Dieudonne Bashirahishize avuga uwo aburanira azira ubusa. Ngo ntakuntu ishirahamwe SOGEMAC ariryo ryoturira isoko kandi rijejwe kuritunganya. Avuga ko ataho vyabonetse ko umuntu yagirizwa icaha atigeze abazwako. Avuga kandi aboba bafise uruhara mw’iturirwa ry’isoko boba bashaka kwikuriza k’uwo aburanira, ico yise mu gifaransa’’Bouc émissaire’’. Asaba ko Cyprien Horugavye yorekurwa kuko ngo azira ubusa kanatsinda ngo niwe yatabaje kuva hakiri kare mu gatondo umuriro ucaduka ku munsi wa mungu uheze italike 27 Nzero 2013.

Ivyo bishitse mu gihe abahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura bata ishavu kuri iryo shirahamwe SOGEMAC ko ataco ryakoze ngo rikinge impanuka ibara ritaragwa. Ngo utuyira twose twijira mw’isoko twari twarazibiwe handi aritwo twari twabikiwe ibiduga bijejwe kuzimya umucanwa w’icaduka.

Abo badandaza bagiriza kandi ishirahamwe SOGEMAC ko ritavuze hakiri kare ko ata biduga vyo kuzimya isoko bihari. Eka ngo SOGEMAC ntanico ryakoze kugira abadandaza bamenye ko bikenewe ko baja mu mashirahamwe yo gushumbusha abahuye n’impanuka.

Ariko rero Maitre Dieudonne Bashirahishize aburanira uwurongoye iryo shirahamwe SOGEMAC avuga ko ivyo vyagiriji vy’abadandaza bidakwiye kugirango Cyprien Horugavye yagirizwe ko ariwe yaturiye isoko nukuru ya Bujumbura yasize mu kangaratete abadandaza barenga 10 000.

Muri kinon gihe abadandaza bakaba baronse uruhusha rwo kwinjira mubisigarira kwirabira ko hari icoba kitahiye ariko basanze vyose vyacitse umunyota kiretse ikibanza kimwe gusa ibidandazwa vyari bikiri bizima bitashikiriwe n’umuriro.

kw’ifoto: Cyprien Horugavye arongoye SOGEMAC


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • uyu mugabo nibaryoze ibya ririya soko kuko abifitemo uruhare nubwo ntari umucamanza

  • ewe rubundakumazi niwivugire ivyuburundi ushobora kuba utabizi ntakundi!!!ewe Horugavye urambabaje!uragiye nawe mumurongo wabarundi benshi bazira ubusa buzuye mubusho!ariko je intwaro ihari ubu sinzi basi ko yibaza ko abarundi aho turi hoose dufise ubwenge bwokwihweza tukamenya amanyanga leta iriko ikora??muradufata nkibijuju gutyo!!ubwo murabona Horugavye ariwe yari guturira isoko abishaka mwinyungu izihe??cnke nimwebwe mwashaka gushika kumafuti yanyu yamisi yoose!!abo bandandaza nabo aho guta ishavu kuri polise itakoze ico yategerezwa bata ishavu kuri Cyprien?ewe banyagihugu twama turi impumyi!!mbega izo nzira zo mwisoko hari haboneste za kizimyamoto polisi yategerezwa kuzana ngo zihace??Cyprien azira ubusa arekurwe murukundo rw,Imana.

  • horugavye arzira ubusa, kuba arongoye SOGEMAC ntibivuga ko ariwe yarituriye canke ngo amenye igituma isoko ryaturiwe.kuja mumashira hamwe canke ku kubwiriza abadandaza gufata asurance yibintu batunze canke badandaza.ukutamenya kwabadandaza ntigutuma ifungwa rya horugavye.

    Nimwibuke umwaka horugavye yakura isoko ryamamatera mwisoko nkuru ya bujumbura, mwibuka induru yabadanda?kandi yazivanyemwo asigurira abantu ko amamatera atera umuriro cane.mwibuke ama societe y,amamatera amaze gusha ukuntu angana.abagabo mu gihugu baracahari nibaza ko bazomurekura vuba.

  • Jewe icombona cyprien niyihangane kuko iyukoranyidiri nabakuruta!Niwebigwako.mwibazenamwe?Mwashaka hafungwende?Abamurushamapet?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.