Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uwuserukira Somalia muri Suisse yishwe
Uwuserukira Somalia muri Suisse yishwe
samedi 28 Ntwarante 2015
Abantu bagera kuri 10 nibo bishwe, inyuma y’igitero c’abihevyi, cabereye mu gisagara ca Mogadiscio.
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Ntwarante, abihevyi baba shabab bateye igisagara ca Mogadiscio, aho binjiye mw’ihoteri, bakica abantu basanzeyo bagera kuri 10 , muri abo, harimwo uwuserukira ico gihugu mu gihugu ca Suisse yari mw’ihoteri, nk’uko vyemezwa n’inzego z’umutekano aho mu gihugu ca Somalia. Abasirikare b’ico gihugu bakaba baciye banyarukira aho izo nkozi z’ikibi zari zateye, kugira bashobore kugarukana amahoro.
Ico gitero rero kikaba ciyamirijwe n’abategetsi ba Somalia, aho bavuga ko bagiye kuzoguma bakorana n’ibihugu yaba ivy’Afrika canke n’ibindi, mu gutuza iterabwoba, iyo ryova hose. Tukabamenyesha ko ico gihugu kiriko kiragerageza kwegereza ubutegetsi abanyagihugu, inyuma y’imyaka myinshi carasambuye n’uturwi tw’inkozi z’ikibi zitwaza idini rya Islam.
Aristide Nizigire
Messages
28 Ntwarante 2015, 22:09, par VYIZIGIRO
None ico gitero cabaye abajejwe umutekano batari hafi,hagapfa abantu bangana uko?