Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwutwara FNL ya Jacques Bigirimana i buraya yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Uwutwara FNL ya Jacques Bigirimana i buraya yatanze imihoho

Uwutwara FNL ya Jacques Bigirimana i buraya yatanze imihoho

vendredi 30 Rusama 2014

KABURANIRWA Emmanuel yahora ari umukuru w’umugambwe FNL mu bihugu vya buraya, akaba kandi n’icegera c’umunyamabanga ajejwe imigenderanire y’uwo mugambwe yatanze imihoho. Mu mugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana bavuga ko KABURANIRWA Emmanuel yari yarirukanwe mu mugambwe no mu buserukizi yahoramwo.

Uwahora ari umukuru w’umugambwe FNL mu bihugu vya buraya, akaba kandi n’icegera c’umunyamabanga ajejwe imigenderanire y’uwo mugambwe, KABURANIRWA Emmanuel avuga ko imvo nyamukuru yamutumye atanga imihoho ari agacerere karanze Jacques Bigirimana ku bijanye n’urupfu rwa Datus Nshimirimana, umunywanyi wa FNL ayoboka Rwasa Agathon aheruka kugandagurwa arashwe.
KABURANIRWA Emmanuel amenyesha ko iminsi yose hagize umunywanyi wa FNL agandagurwa, hama hari abashaka kuvyegeka kuri Jacques Bigirimana, yasabwa umuco naho kugira uwo yaserukira uwo mugambwe i buraya aronke ivyo asigura, ntabimenyeshwe.

KABURANIRWA Emmanuel avuga kandi ashimye gutanga imihoho mu mabanga yarimwo kubera abona intumbero ya poritike y’umugambwe FNL idatomoye, kandi hari hasigaye umwaka umwe gusa Uburundi bukinjira mu matora. KABURANIRWA Emmanuel avuga ko yamye asaba Jacques Bigirimana kwerekana aho ahagaze, kuko ku bwiwe yabona ko afitaniye ubucuti bukomeye n’umugambwe uri ku butegetsi, bikaboneka ko adashira imbere uguhiganwa mu mwaka w’2015.

Mu mugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana bamenyesha ko ivyashikirijwe n’uwo munywanyi wa FNL, KABURANIRWA Emmanuel, bitagira ishingiro, kuko atanze imihoho kandi yaheruka gufatirwa ibihano vy’ukwirukanwa mu mugambwe, hamwe n’ugukurwa mu buserukizi bw’uwo mugambwe mu bihugu vya buraya. Cahunja Emmanuel, umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana amenyesha ko ivyatumye uwo munywanyi KABURANIRWA Emmanuel afatirwa ivyo bihano ari kubera ariwe abera intambamyi zo gukora ku nzego za FNL mu bihugu vya buraya, akaba kandi yagirizwa ko amena amabanga y’umugambwe ku nyungu ziwe zitaramenyekana.


Egide Nduwimana

Messages

  • ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka reka turindire kazoza katubikiye vyinshi.Ariko hejuru yavyose hari Imana

  • VIVE CNDD-FDD 2015 HAHAHAHAAA TURIRIMBE: BAGUMYABANGA BIWACU, ITABIRA UMVE INTSINZI IRARARA. CNDD-FDD KOMERA KUBIKORWA ABANDI BISHINGE GUSHIHANA.

  • JAQUE Ukwiye kwishikana ku mutama Gwasa hakibona reka ruguhe amezi abiri urabe agahinda. Bose bakuveko kuko ukuri kuritonda jewe ndi hanze mbe abo uvuga ngo urafise ni bande????? Ohoho!!! Uzotahira izina

  • Viva Rwasa Viva,n’abandi hari inyuma BA demissiona ninde atobona ko wabasutse ufyeta aho aba dd baguhaye,abantu Bose Ni bakanure barekane nuyo mumenja bigirimana agora mu kwaha kea cndd,nivyo twebwe FNL ya Mutama Rwasa twiyamiriije,nakare ha kuba imbwa woba imva

  • Nihahangam’umugambwe CNDD -FDD wo wazany’ukwikukira kuri bamwe twari twararambiwe n’intwaro z’intahekanaabiteze Mutama namwe guma mwumiye k’urusato nk’inyondwi ngo mutama mutama !vyabimuga vyari mu Kabezi yabishize he? MUTAMA YARI NDADAYE , ntawundi rira mwihorere bibondo.

  • FNL tsinda....sangwa FNL.....mutama Rwasa komera Imana ikurinde kandi ikuzigame na Jacque nanyene aho azokwikebuka agaruke aba FNL bose turihanze nabari mugihugu mugumyutima intsinzi ni cach

  • Intenderi irasheshe umuti!!!!Ewejak uzosigara wirebanga nkagati kari muruzi konyene ntasoni kubona ufadikanya nimbonerakure mukwica Datus?????Itinde siheri uzobibazwa.

  • Inchinzi yagwasa nikashi turamushigikiye nahotutarimugihugu umukinda mugaramye mukindamwubamye ntawuzosubira kwemerako igiti kimukoramujisho kabiri ;!!!

  • Inchinzi yagwasa nikashi turamushigikiye nahotutarimugihugu umukinda mugaramye mukindamwubamye ntawuzosubira kwemerako igiti kimukoramujisho kabiri ;!!!

  • Inchinzi yagwasa nikashi turamushigikiye nahotutarimugihugu umukinda mugaramye mukindamwubamye ntawuzosubira kwemerako igiti kimukoramujisho kabiri ;!!!

  • Inchinzi yagwasa nikashi turamushigikiye nahotutarimugihugu umukinda mugaramye mukindamwubamye ntawuzosubira kwemerako igiti kimukoramujisho kabiri ;!!!

  • Inchinzi yagwasa nikashi turamushigikiye nahotutarimugihugu umukinda mugaramye mukindamwubamye ntawuzosubira kwemerako igiti kimukoramujisho kabiri ;!!!

  • Inchinzi yagwasa nikashi turamushigikiye nahotutarimugihugu umukinda mugaramye mukindamwubamye ntawuzosubira kwemerako igiti kimukoramujisho kabiri ;!!!

  • Inchinzi yagwasa nikashi turamushigikiye nahotutarimugihugu umukinda mugaramye mukindamwubamye ntawuzosubira kwemerako igiti kimukoramujisho kabiri ;!!!

  • ahobukera tuzomenya abasenga mukuri nabasenga muburyarya.

  • Jewe womugabo ntakosha mbona akoreye Yakobo canke Rwasa!? nonekombona manomezi abataribake barimwo barava mumigambwe bajamuyindi kwatarwamo mubaterera? komona isinzi ryabantu birirwa Baja muri UPRONA ya CONCILLIE abandi bajamuri CNDD FDD kwatarwamo mwaribwabaterere? Ndikondabona bamwe batazi ico democratie ivuga? Ivyonivyovyitwa kwishira nokwijana umuntu akagira uburengazira bwokwihitiramwo kandi ntabizire CNDD FDD yifuza kwabantu batsimbatara mumigambwe yabobarimwo, ariko abatituye bagashaka kwibera aba CNDD FDD ibakirizayompi. Icombona ibikomezakubavyose vyerekana ko CNDD FDD mengo itsinda namatora ataragera. Nayo umuntu avuye kwa Yakobo akaja kwa Rwasa ivyontacovyonoye kuko amatora azozagushika baramaze gusubirana.

  • BARADARWE!!!! EKA URIWE PE! NONE WEWE AHO IVYO BIDAHWE NTIWOBIRUKA BIGAHERA?
    AHO URACABAZA UVUGA NGO DD EREGA URIKO UDEDEMBA
    NIMBA MWITEGUYE KURWANA, MUGWANE N’IMANA

  • ahubwo uyomugabo Emanuel numusazi

  • ahha .Jewe ndi DD ariko ubu sinshaka ko tuzozinda uko vyahora kuko dutwara twenyene birashisha duca dukora nabi pe .Nsaba ikibiri na rwasa muje hamwe muze muronke nimiburiburi 45 kwijna mugabo kudutsinda ho ntiboshoboka murabizi.Sivyo??? HONORABLE EDYNGWE

  • Nagomba ndababwireko Rwasa atazigera atwara Uburundi kubera politique yiwe turayizi abamushemagiza batamuzi baramutora azobereka wewe ntafyina ivyo mwigira kurabo ba CNDD-FDD ndazi neza kwatavyo muzosubira kuko CNDD-FDD yaramaze kutumenyereza nabi democratie yaramaze kudusasagaramwo kuko ndaziko intwaro ya Rwasa yoza isumvya umukazo iya Paul kagame

  • Wewe nkeshimana wabariwe niki ko Paul Kagame atwaza umukazo!uze uravuga ibikuraba,naho ubundi ibitakuraba uraba hiyo.

  • Eduige na Nkeshimana mwebwe ugira mwararusha Manasse na Hussen gukunda cndd-fdd?ubu barihe?CNI gushika nubu ivyegeranyo vy,amajwi ntavyo irerekana andi naho twobaha 10ans ntavyo boronka vya 2010.mbega harya mwica aba FNL ntimwari muzi igituma?

  • Ndfaziko abarundi atacowobahenda kuvyu Rwanda kandi nabanyarwanda ntacowobahenda kuvyuburundi, raba babarundi bafise abagore abagabo babanyarwanda, abanyarwanda bafise abagore , abagabo babarundi urworero umuryango ucawaguka ugatangura kurondera banarume nabanyirasenge basewabo nabanyinabo abavyara abasengezana nabandi, ubworero harigiye Kagame wosanga hatabuze muvyarawe wumurundi, None uwoyitwa Nkeshimana kumenya ko harihivyakora bitanezereza wumvarigitangaza! twobiyoberwagute kandi ipfuvyi zabanyarwanda twirirwana? Ekayemwe hanomuburundi barabitubwiraneza ariko kubera badashaka gutakaza akanya bagitizwe kokubabashobora kubabagifise kuzabaraja hiryanohino mudukorwatwabo twubudandaji udashaka kobapfanabo ntiwokwubahuka kuvuga amazina yabakubwiye ibirimwo birabera mugihugu cabo cu Rwanda.

  • Sha bukuru asumani wobawibukaneza ijambo nyakubahwa NDADAYE yasizavuze? Ndumvaneze wewe amati nivyiyumviro vyarazivye kubwamaraso menshi mwama mwanyoye ariko ukorumenyako na DATANI yabaye ikinani mubisirayeri imana yamuhambanye nabiwe mwebwe nimutwice ukomushaka ntacotuzobagira igikogwa twahamagariwe nukubasengera tuzotora BIBIRIYA dutore NUBWATO NI NGAFE tujabikibiyaga kuvugubutumwa nokubasengera MUTAMAWACU arahagaze bwuma surushato nkukomwiyumvira mwaranyoyamaraso mwibazako mwahejejayiwe ariko nyene amaraso afise yongeraza burimuntuwese ndavangura imana ibahezagire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.