Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwutwara ikambi yo mu Ngagara abarizwa mw’ibohero rya Mpimba
Uwutwara ikambi yo mu Ngagara abarizwa mw’ibohero rya Mpimba
mercredi 4 Rusama 2016, par
Major Richard Ndayizeye, umukuru w’ikambi ya Ngagara yatawe muri yompi ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, akaba yaciye ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ari kumwe n’icegera c’umukuru w’igiporisi muri zone Gihosha, ahagandaguriwe Général Kararuza n’umuryango wiwe. Bompi bagirizwa urupfu rw’iyo ntwazangabo.
- Major Richard Ndayizeye, umukuru w’ikambi ya Ngagara
Abo babiri bahambije iyindi ntwazangabo, Major Gahungu, apfungiwe na nyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yagirizwa urupfu rwa Général Kararuza Athanase n’umuryango wiwe.
Abandi bapfunzwe muri urwo rubanza, ni abasirikare bane bo kw’ipete rya Caporal bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Abo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ni Caporal Chef NIKOYAGIZE Prosper, Caporal Chef BIBONIMANA Léonidas, Caporal Chef GATERETSE Roger hamwe na Caporal NDUWIMANA Viateur.
Mw’itangazo umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA yasohoye kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko amatohoza abandanya kugira abakoze ubwo bwicanyi, hamwe n’ababuteguye batabwe muri yompi.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’indwi imwe gusa kuva kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016, kugira inzego z’umutekano zizobe zafashe kandi zashikirije ubutungane abagandaguye iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi.
IGIHE
Messages
4 Rusama 2016, 08:49, par Bacemwo
Nibabandanye bafata abandi kuko abateguye kugandagura nyakwigendera sibake nibeshi
4 Rusama 2016, 08:56, par ndatimanapascal
uwicisha inkota nawe niyo azicishwa nkuko IMANA yabivuze nawe numwe wemerewe kumena amaraso yamwene se .
4 Rusama 2016, 10:14, par tari
Jewe nubu icombona ntakamaro kokuririra abobasirikare kuko ntivyumvikana ingene umuntu afise ikirwanisho nawe ukagira ikindi yo guma akurenganya benako kagene Ngo bikunanire kumwiganzura none barakeneye babamare nkabana binyoni kandi bafise ibirwanisho vyukuba bokwirwanako turaziko imyaka irenga10 yariheze igisirikare cuburundi gifatanya munda izodyane zose nubwo bwicanyi mugihugu no muzego zumutekano ntawundi zikomokako Atari pastor nkurunziza none babuzwa Niki gukoresha inguvu zose bafise Ngo bamuhagarike hama igihugu gitekane ntivyumvikana ingene igihugu co bandanya kibura abantu bangana nabo kiriko kirabura ubu kubwumuntumwe hama ngwabantu bagume bareze amaboko kandi ejo abobasirikare bahisemwo kwirabirahirya abanyagihugu bariko baratikira bakanka kubatabara bamenyeko nabonye ahobukera abarundi tuzobibabaza ubu ntihagire uwuzosubira kuvugako abasirikare bariko barakora ubwicanyi Atari Bose kuko niba Atari Bose abobo batabishigikiye bariko barakoriki kugira tumenye kwatari bose
4 Rusama 2016, 12:33, par Biragoye
Nibafatwe kuko ntaco bamariye abarundi! Nibumvirize nabo uko mpimba imeze. Narabivuze nti: akaje ntikazira umwe, intwaro ya petero irabapfunga nyene ko mwananiwe kuyikuraho!
4 Rusama 2016, 12:33, par Biragoye
Nibafatwe kuko ntaco bamariye abarundi! Nibumvirize nabo uko mpimba imeze. Narabivuze nti: akaje ntikazira umwe, intwaro ya petero irabapfunga nyene ko mwananiwe kuyikuraho!
4 Rusama 2016, 12:54, par Kamaro
Bapfunge kabisa ushaka nokubica ubice kuko iyo nimikoma kuko yaranse gukwirikira nyenicubahiro GODEFROID NIYOMBARE,"impembo ya nkurumbi niyo"
4 Rusama 2016, 13:16, par Kagabo
He Ubwo Bugabo Buhendwa Na Babuyoya Ngo Butera Akajagari! Kararuza Muramuzira Kuko Yarintwari Yakunda Kandi Agakorera Igihugu Atavangura Ubwoko Ninavyo Yazize. Aho Rero Ivyo Mugize Iminsi Mutwicira Indongozi Mugire Mufatwe. Barya Bacaporal Barushe Mpaka Babavuze Mwese Abishe Irya Ntwari. Papa Peter Komera Kandi Turagushigikiye Abarundi
4 Rusama 2016, 13:41, par Birara.
Ntibimenyereye Nkurunziza Abah’ikongwe? Ubu Sha Vyarahindutse Aravuga Munisteur Nawe Akavuguruza, Ntibitege Ngobizokwihuta Gutaha Ubutungane Budakoze.
4 Rusama 2016, 13:47, par Birara
Nibamenyereye Nkurunziza Abah’ikigongwe? Ubusha Vyarahindutse Aravuga Munisteur Nawe Akavuguruza. Ntibibaze Ngo Bizokworoha Ubutungane Budakoze.
4 Rusama 2016, 14:04, par iribuka
Ahubwo nabamarireyo bose baguma bakukumba inyuma y’uwo mwicanyi nkurumbi bibwira yuko hari ikindi azobaha nibarindire akataraza karinyuma,banse guhagararira amasezerano ya arusha n’ibwirizwa nshingiro impembo bakoreye niyo
4 Rusama 2016, 14:20, par Kigeme
Muce Mubica Ntagufyinata
4 Rusama 2016, 14:46, par INTAGOHEKA
IYOMIJERI NITWISINDUMUJA NTANTAMBWE BUZODUTERANA
4 Rusama 2016, 15:26, par Kariyo
Ivyo birazwi ko abariko bica mu Burundi bari mu bajejwe umutekano, baba abapolisi canke intwaramiheto, ntavyo guhendana. Bahavuye baba abajejwe guhungabanya umutekano.
4 Rusama 2016, 15:32, par Bougounie Siheza
Ko Mwase Kumwikurako Reka Abamare,mwebwe Abasirikare Mwarahemukiye Igihugu.Gnl Godefroid Iyo Mumushigikira...Ngo :ukimbembereza Mukundu Mavyi Hayatoki.Pole Sana,
4 Rusama 2016, 15:37, par ndabahinyuye
Uko nikwica inzehe,abafashe ibarabara izuba riva barabatorotse?Ahoho hoho nibasubize abasoda Bose mumakambi babanze bige Bose umwe wese umurimo wiwe nuburyo yowurangura,kandi ntibasubire kwirirwa bavuga abishe abantu ngo n abanaka kuko ntibakimenya abasoda icobakora nuko bakora kandi bazi ko babahaye inkoho zica.
4 Rusama 2016, 20:38, par kazo
nimba arimwo nacirirwe urubanza
4 Rusama 2016, 21:04, par Living
ayaramapet atabereye umwaka
mugahezey%>>mwugar utwamugina>><<
4 Rusama 2016, 22:35, par Falcon Ikiziga
Nibavaneho umwanda.kuko uwo mugabo Major wa Ngagara niwe uha ibirwanisho aba terroristes ba Sindumuja.
7 Rusama 2016, 15:37, par MUCEZO AKIM
JEW NDATANGARA. ABA CAPORAUX NIBO BAMA BAFATWA KUVA KURI NDADAYE? IYO HAFASHWE INTWAZANGABO IBA ARIYO MUGISODA CA KERA. IYO HAPFUYE UMUHUTU WITEGE EJO UMUTUTSI ABONEKA ACAGANDAGURWA. JEW NTAMUHUTU MUGISODA CANK MUGIPOLISI NDABONA AHAGARIKWA. MURABE NEZA NI MUCEZO WA NDANI.
8 Rusama 2016, 13:01, par Ahishakiye
UBU MURAVUGA MBEA KURI BUYOYA KO MUTAVUGA MURIKO MURATWICA TWE ABAHUTU? ARIKO NTA N,UMUTUTSI ARIKO ARAPFA CANKE APFUNGWE JE MBONA UWUKOZE IKOSA YABA UMUHUTU YAB UMUTUTSI MBONA BABAHANA BOSE KWIKOSA YAKOZE ;RERO NTIHAGIRE UWOKWITAZA IBI CANKE BIRIYA AHUBWO RABA IVYO URIKO URAKORA KO ARI VYIZA CANKE BIBI HAMA URABE ICO UBA RERO KUBA WUMVISE MWENEWANYU BAMUFASHE ATEYE GRENADE MUBUNWERO HAMA BAKAMUCIRA URUBANZA KUVYO YAKOZE NGO MURATOTEJWE,MBE KURI BUYOYA HARI UMUHUTU YAJA HANZE KO MWEBWE ABATUTSI ARIMWE MWARI KWISONGA, JE NARIMFISE DATA WACU YARAVUYE KWIGA MU RWANDA UWARI MUSITANTERI NYABENDA YAMUJANYE AMUCURITSE NTIYAGARUTSE ICOGIHE KUMUTUMBA IWACU ZINA MUHUTU YARI YARIZE CANKE YARATUNZE YARISHWE NUWO MUSITANTERI MBE KO BITIGEZWE BIVUGWA? URUMVA NTACO TWARI DUFISE TWOVUGA? PAPA WANJE ICO GIHE YARI MU MPIMBA AVAYO ASANGA MWENEWABO BAMWISHE NAWENE YAHIRWA BUHONGO NGO AMWICE ARIKO IMANA IRAKINGA ICO GIHE YAHUNGIYE I BUJA MU RUKARAMU NAHONE AMUSANGAYO BIRANKA KO AMWICA