Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwutwara umugambwe APDR apfungiwe mu gasho k’igendereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwutwara umugambwe APDR apfungiwe mu gasho k’igendereza

Uwutwara umugambwe APDR apfungiwe mu gasho k’igendereza

dimanche 24 Ndamukiza 2016, par egide

Aimable Bakundukize, umukuru w’umugambwe APDR yafashwe ku munsi wa gatanu, apfungiwe mu gasho k’ibiro bikuru vy’igendereza mu gisagara ca Bujumbura. Umuryango wiwe hamwe n’abo basangiye umugambwe ntibabwiwe ico yafatiwe, gushika kuri uwu w’Imana bakaba kandi batarashobora kubonana nawe.

Aimable Bakundukize arongoye umugambwe APDR (Alliance pour la Paix, la Démocratie et la Réconciliation) yafashwe kuri uwu wa gatanu, imbere y’ahakorera ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu. Uwo yahagaritswe yari yitavye isango yahawe n’icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Mu gihe yari arindiriye ko ahabwa « murekarengane » (Laisser- passer), kugira yinjire ahakorera icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, kw’isango (Rendez-vous) yari yahawe na Abel Gashatsi, icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, umukuru w’umugambwe APDR yahagaritswe n’abantu babiri, umuporisi umwe, hamwe n’uwundi muntu yambaye impuzu zisanzwe (Tenue civile).

Aimable Bakundukize, umukuru w’umugambwe APDR (Alliance pour la Paix, la Démocratie et la Réconciliation) yaheruka gushikiriza ko yaneguye ijambo ryashikirijwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba mbere muri iryo tangazo yamusavye gusokora ivyo yashikirije.

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aheruka gusaba abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu yahagaritse imfashanyo zahora zihabwa Uburundi, ko bosubira iwabo, icegere ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo akaba yababwiye ko botaha iwabo canke bagasaba uruhusha rw’ukuba mu Burundi nk’ingenzi (Tourisme).


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.