Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Valérie Trieweiler : Ivyabaye ntaco bintwaye kuko si irya mbere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Valérie Trieweiler : Ivyabaye ntaco bintwaye kuko si irya mbere (...)

Valérie Trieweiler : Ivyabaye ntaco bintwaye kuko si irya mbere nahukanye

jeudi 30 Nzero 2014

Uwahora ari umupfasoni wa François Hollande, Valérie Trieweiler avuga ko agiye gusubira mu buzima busanzwe. "Mushobora kubifata ukundi kuntu ariko numva vy’ukuri ntariko nca mu bihe bigoye na gato (période de crise ) nk’uko abenshi bavyibaza, ariko si irya mbere nahukanye. Icatumye mpungabana n’uko vyaciye ku bimenyeshamakuru, kuko jeho naguma nibaza ko ari ibihuha gusa."

N’aho hagati ya François Hollande bitari bikimeze neza, Valérie Trieweiler ntiyari yiteze guhemukirwa gurtyo. Agira ati : "Narumva urukurukuru ko umushingantahe wanje yoba agendana n’uwundi mugore ariko nabifata minenerwe kuko nzi ko abantu bavuga cane kuko hari n’igihe numva ibintu bamvuzeko bitarivyo. Ninayo mpamvu ntabifatirako cane. Igihe ndabimenya rero, wamenga nkorotse nko kugorofa ndende cane."
Umunsi umwe rero gusa imbere y’uko ikinyamakuru Closer gishira ku mugaragaro ko François Hollande agendana n’uwundi mukobwa, bamaze ijoro ryose batagohetse barara bashwana no gufungura ntibafunguye. Umupfasoni Valérie Trierweiler akavuga ko icatumye araba (s’évanouir) ari kubera igihe amenya iyo nkuru yaguye igihumura gushika naho ajanwa mu bitaro.

Valérie Trieweiler, aheruka kwahukana n'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, François Hollande

Muri kino gihe rero, nk’uko amakuru dukura ku kinyamakuru 7 sur 7 abimenyesha, uwo yahora ari umupfasoni wa François Hollande ameze neza. Avuga ko aticuza ikintu na kimwe, ahubwo mbere ubuzima yoba yarabayemwo ari ubudasanzwe, ndetse bwanamutumye ashika ku bindi bintu vyinshi, nk’uko avyivugira.
"Nzosubira mu buzima busanzwe, ariko nzoba mfise ivyigwa vyinshi nakuye mu buzima nahoramwo. Muri iyi minsi nararonse ubutumwa bwinshi bw’abantu bantera intege.

Bitegekanije ko mu minsi mike iri imbere ariho azokwegeranya ibintu vyiwe, mu nyuma asezere ikirimba ukuri kwamye.


Floxella Karire

Messages

  • Niwihangane uzoronka uwundi kandi nawe yitesheje icizere ku bafaransa na bo kw’isi yose arye agaba naraba nabi arategeka manda imwe gusa nka sakazi mbega uguhemuka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.