Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vallery Bukera yabaye uwa mbere ku munsi wa mbere wa Rwanda Mountain (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > course > Vallery Bukera yabaye uwa mbere ku munsi wa mbere wa Rwanda Mountain (...)

Vallery Bukera yabaye uwa mbere ku munsi wa mbere wa Rwanda Mountain Gorilla Rally

samedi 1er Myandagaro 2015

Umurundi Bukera Vallery yaheruka gutsindira ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo gusiganwa n’imodoka Memorial Gakwaya yabaye uwa mbere ku munsi wa mbere w’ihiganwa Rwanda Mountain Gorilla Rally ryabaye kuwa gatanu igenekerezo rya 31 Mukakaro 2015,akoresheje iminota 13’36” ku birometero bingana ibirometero 22.

Imodoka 20 zirimwo izo mu bwoko bwa Mitsubishi Evo 10 na Subaru N12,abasiganwa harimwo abava mu gihugu ca Kenya,Zambiya n’Uburundi, nibo bitavye iryo higanwa ryo gusiganwa n’imodoka.

Guhaguruka i Kigali vyataratevye naho nyene ibirori vyo gutanguza ihiganwa vyari vayheze kare.Ivyo birori vyatangujwe n’umuyobozi w’inkino mu bushikiranganji bw’imico n’inkino mu Rwanda Bugingo Emmanuel.

Gakwaya Christian, umuyobozi w’Ishirahamwe ryo gusiganwa mu mamodoka mu Rwanda avuga ko bahuye n’ibindi bikorwa batashobora guhindura ariko vyabaye vyiza kuba bahiganwe ku munsi wa mbere.

Giancarlo Davite yaserukiye abanyarwanda niwe yuguruye ihiganwa bava ahitwa Nyamata A baja Nyamata B ku birometero 22, yakurikiwe na Chatthe na Singh bagomba kwipima ku rwego rwa Afrika.

Umurundi Bukera Vallery yavuye hasi ku ncuro ya gatanu aca aba uwa mbere mw’ihiganwa ryo mw’ibarabara akoresheje iminota 13 n’amasogonda 36,kuri ivyo birometero 22.

Bukera Vallery ahejeje kuba uwa mbere yavuze ko bishoboka ko bamwe bananiwe n’ibarabara batamenyereye kuko basanzwe bahakorera,aca avuga ko ku munsi wa mbere kwari ukwishusha ihiganwa nya zina ari iryo kuri uno wa gatandatu kuko bagira ibirometero vyinshi.

Uku niko bakurikiranye ku munsi wa mbere :

1. Bukera Valery & Khetia Nital – Subaru Imprezza - 13’36"
2. Chatthe Jaspreet & Thorley Craig – Mitsubishi Evo X - 14’17"
3. Singh Jassy & Sihoka Dave – Subaru Imprezza - 14’24"
4.Kananura Desh & Matovu Moses - Subaru Imprezza - 15’40"
5. Giancarlo Davite & Sylvia Vindevogel – Mitsubishi Evo X - 15’45"
7. Gakwaya Claude & Mugabo Claude – Subaru Imprezza - 16’42"
15. Cantanhede Rudy & Israel David – Mitsubishi Evo 4 - 22’24"
16. Ntwari J. Jacques Roger & Birindabagabo Armand - Toyota Celica - 25’48"


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nashima cane abantu batera iteka igihugu cabo.
    Naho woba uwanyuma ndashima akigora nubutwari uba werekanye. Barundi bandanya museruke kuva kera muburundi hamye intwari.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.