Accueil > Ukwemera > Abakristo > Vatikano: Papa Benedigito wa XVI aracafise Ibikorwa ategerezwa (...)
Vatikano: Papa Benedigito wa XVI aracafise Ibikorwa ategerezwa gukora
mercredi 13 Ruhuhuma 2013
Ibiro vya Papa i Vatikano vyamenyesheje bimwe mu vyo Benedict wa 16 azokora gushika ku tariki azotangirako imihoho icese.
Nyuma y’umunsi umwe Papa Benedict amanyesheje ko azotanga imihoho, Vatikano yavuze ko ata ndwara iyi canke iriya yabiteye.
Umuvugizi w’ibiro vya Papa i Vatikano, Cardinal Federico Lombardi, yavuze ko Papa amaze igihe yambara akuma gafasha umutima wiwe gutera neza, ngo ariko muri rusangi afise amagara meza.
Yavuze ko Papa azosoma imisa mu kibanza ca St Pierre ku tariki 27 z’ukwa Kabiri, hasigaye umunsi umwe ngo atange imihoho.
Biranugwanugwa ko umu Papa azokurikira ashobora kuba ava muri Amerika y’ubumanuko canke muri Afrika.
Vatikano ivuga ko yizeye ko umu Papa mushasha azotorwa n’umugwi w’aba cardinal bajejwe kumutora, imbere ya Pasika.
Mwene wabo na Papa Benedict, Georg Ratzinger, yabariye BBC ko azoguma i Roma kwiga, ngo ariko ntazokwivanga mu kazi k’uwuzomusubirira.
Mugisha Van Naris
Messages
28 Ruhuhuma 2013, 02:18, par Bukuru Emery
None ikintu nyamukuru gitumye papa atanga imihoho nigiki kobatakivuga ngobagitomore?