Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vénézuéla : Barack Obama; umukuru w’abadayimoni - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Vénézuéla : Barack Obama; umukuru w’abadayimoni

Vénézuéla : Barack Obama; umukuru w’abadayimoni

dimanche 5 Rusama 2013

Umukuru w’igihugu mushasha wa Vénézuéla Nicolas Maduro, yaremeje ko umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama ari umukuru w’abadayimoni ngo kuba yaranse kwemera intsinzi yiwe mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye kuwa 14 Ndamukiza 2013.

Nk’uko Maduro yabishikirije ku mugaragaro, bazoguma barwanira inyungu z’igihugu, intwaro rusangi n’abanyagihugu bose kandi bashobora kwicarana n’uwariwe wese avyipfuje harimwo n’uwo yise umukuru w’aba dayimoni.

Maduro rero akaba akeka ko Leta zunze ubumwe za Amerika arizo zoba zifasha abatavuga rumwe na Leta ya Vénézuéla, mu kubaha amadolari kugira ngo basambure intwaro rusangi, mu gihe uruhande rutavuga rumwe na Leta rurongowe na Henrique Capriles rusaba ko amatora yofutwa. Tubibutse ko Nicolas Maduro yasubiriye Hugo Chavez yitavye Imana ku wa 5 Ntwarante 2013.

Igihe umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama yaha ikiganiro imboneshakure ya Amerika mu rurimi rw’iki espagnol, yavuze ko atanezerejwe n’ingene amatora yagenze muri Vénézuéla mu kwezi kwa Ndamukiza guheze, ati kandi n’abatavuga rumwe na Leta baravyiyamirije, ati ukwishira n’ukwizana muri ico gihugu ntivyubahirijwe mu gihe c’amatora.

Umukuru w’igihugu mushasha Maduro aremeza rero ko uruhagarara rwadutse mu nama nshingamateka hagati y’abatavuga rumwe na Leta arinabo benshi rwari rwateguye imbere yuko Obama agira urugendo muri Amerika y’Epfo.

Leta zunze ubumwe za Amerika zikaba zishigikiye ko amajwi y’amatora yosubirwamwo guharurwa, mu gihe muri ayo matora nyene Maduro yarushije Henrique amajwi make cane. Ivyo bihugu bikaba vyarahagaritse n’ababiserukira kuva mu mwaka 2010.


Aristide Nizigire

Messages

  • eeheehhhhh ariko abo bantu bapfa iki mugabo ubone ngo na uyu utowe vuba aratangura guhangana na Obama,,, tuzumirwa

  • Uyu nugabo yasaze hemwe!!! bakurabe neza!!!!!!!!!!!!

  • Oya vraiment maduro a uga ukuri kuko kuva kera amerika yamy irwanya hugo shavez ndets n’aba dashingiy kuri politique occidental madulo agomba kundanya pokitike yatangujwe na chavez yo guteza imbere abaken capriles ko kamusimvyeniyihangane

  • Oya vraiment maduro a uga ukuri kuko kuva kera amerika yamy irwanya hugo shavez ndets n’aba dashingiy kuri politique occidental madulo agomba kundanya pokitike yatangujwe na chavez yo guteza imbere abaken capriles ko kamusimvyeniyihangane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.