Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Venezuela : Yemeye gucibwa izuru kugira ase n’umukinyi akunda
Venezuela : Yemeye gucibwa izuru kugira ase n’umukinyi akunda
mardi 9 Ruheshi 2015
Henry Damon w’imyaka 37 wo muri Venezuela kuva ari umwana muto yakuze akunda amacinema yo mu bwoko bwa dessin annime amaze gukura afise mbere n’umuryango, aca yifuza gusa n’umukinyi w’izo cinema yitwa red bull.
Inyuma yaho, Henry Damon yaciye aja kwitura Emilio Gonzales umuganga amenyereye cane ivyo guhindura imibiri y’abantu aho naho niho babanza kumupima mu mubiri no mu mutwe, barabe ko akomeye basanga arakomeye, kuko vyasaba ko babanza kumuca izuru. Imbere yo kuricacura, abaganga bakaba baranapimye barabe ko atangorane yo guhema afise basanga ntayafise. Uwo muganga ariko agerageza kumuhindura igicapo yavuze ko akibazo na kimwe uyo mukiriya wiwe afise , haba ku mubiri no mu mutwe, mbere avuga ko ari umuntu mwiza, kandi akaba n’umuvyeyi mwiza yishakira gusa guhindura umubiri wiwe .
Ubu Henry amaze gushira ibintu binyuranye ku mubiri w’uwo mugabo ariko kugira ico gikorwa co gushika gusa na Red Skull, haba mu gahanga no mu maboko, haracari vyinshi bisigaye gusa, ivyo agomba gukoresha vyose ntabwo birahera, kuko hari n’ivyo agomba gushira mu matama, bagasiga n’isura yiwe amabara atukura.
Bill Nkurunziza
Messages
9 Ruheshi 2015, 12:44, par rubera
hahahahaa!!!ako nakaroge kuko ntawokwera kuninkuza azuru
9 Ruheshi 2015, 13:20, par Bucumi
Mbega yemweeee abantu twarabuze iherezo? Yampayinka dataaa! Ubu se urambwira ko akunze umuntu kuruta iyamuremye? Nzobandora.
9 Ruheshi 2015, 15:35, par RUKUNDO
Abantu Bubu Nabasazi Pé.
9 Ruheshi 2015, 15:45, par Adolphe
Turi mugihe canyuma
9 Ruheshi 2015, 16:32, par nakamuna
nakar ntiwarumuntu warigisigo.yemwe mana uzohana ucoke nuko urinyenimbabazu.
9 Ruheshi 2015, 17:13, par ERIC DESIRE HABONIMANA KIYANGE
HAAA MBEGA NONE GAYEMWE IYABA ABARUNDI DUFISE UMUTIMAWOGUKUNDA NKUWO NTITWOKWIGURA ABABARA KUBERA TWEBWE UWO YAREREKANYE KO NAHO ATOBA UMUKURU ARIKO YOSHOBORA KWIGURA ABO YORONGORA ABARUNDI DUKENEYE ABARONGOZI NKABO
9 Ruheshi 2015, 17:14, par ERIC DESIRE HABONIMANA KIYANGE
HAAA MBEGA NONE GAYEMWE IYABA ABARUNDI DUFISE UMUTIMAWOGUKUNDA NKUWO NTITWOKWIGURA ABABARA KUBERA TWEBWE UWO YAREREKANYE KO NAHO ATOBA UMUKURU ARIKO YOSHOBORA KWIGURA ABO YORONGORA ABARUNDI DUKENEYE ABARONGOZI NKABO
9 Ruheshi 2015, 19:16, par christophe
numusazi ntabwenge afise.ntiyokwigana iyvakora akarekagusara.uwo afisamavyi mumutwe
9 Ruheshi 2015, 21:45, par IRAMBONA
mbega yemw!iyaba tworons umuganga ahindura imitima yoduhinduriy nkurunziza akareka kurenga ibwirizwa shingiro maze amahoro akagaruka mu burundi!
10 Ruheshi 2015, 10:28, par Jimmy
Abarundi Iyaba Takundana Twokwiguze Andi Nkuwo Mugabo.
11 Ruheshi 2015, 11:28, par Epaphrase NDUWAYO Epaphrase
Yemwe Yemwe Numva Ari Amadabidabi.Vraiment Umuntu Naho Woba Waramukunze Kuruta Urwo Wikunda Ndumva Ko Guhindura Umubiri Uba Uhemukuiye Imana Yakuremye.Gukundana Sibibi Ariko Guhemukira Imana Yakuremya Naho Ni Hatari
11 Ruheshi 2015, 13:22, par MINANI
EMWE UYO MUGABO YAKUNDANA YABA ABARUNDI TWAKUNDANA NTITWOKWICANYE DUFPA UBUSA,@@@
13 Ruheshi 2015, 19:42, par Akimana christine
uwusenga nasenge isi yarangiye Yesu tabara abantu bawe! ico mwokora nimusenge mwihane Yesu azosange twiteguye
13 Ruheshi 2015, 19:43, par Akimana christine
uwusenga nasenge isi yarangiye Yesu tabara abantu bawe! ico mwokora nimusenge mwihane Yesu azosange twiteguye
30 Ruheshi 2015, 18:24, par onesphore
NONE YIHINDUYE ACA ABA WE? AGAYE IMANA YAMUREMYE NKUKO ARI KANDI NTIYIHENDA YO.
2 Mukakaro 2015, 21:39, par haloi
Mana tubabarir kuk ntituz icodukor kand uduh gutahur nukur uw mugab arababaj
1er Munyonyo 2015, 13:21, par ELVIS
Ahubwo Uwomugabo Ararwaye Gos
24 Ndamukiza 2017, 14:58
egonkabibona
kuko ni karusi.har’umukobwayihebey’umuhungu.ngaremerabamwice