Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vianney Rukanura yakuwe mu mabanga yo kurongora komine Gihosha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Vianney Rukanura yakuwe mu mabanga yo kurongora komine Gihosha

Vianney Rukanura yakuwe mu mabanga yo kurongora komine Gihosha

jeudi 4 Ruheshi 2015

Komine Gihosha yo mu gisagara ca Bujumbura iramutswa musitanteri mushasha inyuma yo gukurwa mu mabanga kw’uwahora ayirongoye.

Mpuha Fabien asanzwe arongoye imbonerakure zo mu gace ka Gihosha Rural niwe yagenwe ngo asubirire Vianney Rukanura yahora arongoye komine Gihosha kuva mu mwaka w’2010.

Amakuru dukura mu begereye musitanteri mushasha wa Komine Gihosha,amenyesha ko Vianney Rukanura yoba yakuwe muri ayo mabanga kuko atari agikorera neza umugambwe CNDD-FDD asanzwe avamwo.

Ayo makuru nyene avuga ko Vianney Rukanura atari agihuza n’uwurongoye umugambwe muri komine Gihosha,ivyatuma mbere n’inama yategerezwa kwitaba atazitaba nkuko bikwiye,mbere bikaba vyamugora kwishura ku bibazo bimwe bimwe vy’abanyagihugu.

Vianney Rukanura yahoze arongoye umugambwe muri komine Gihosha imbere y’uko aba musitanteri,bivugwa ko yoba atari ku ntonde zabitoza muri iyo komine,ico naco kigashobora kuba arico catumye imirimo atayirangura nkuko vyari bitegekanijwe.


IGIHE

Messages

  • Abantu tuzobaho gute?ahubwo niyicunge ahandi hoho bamwe mubo bari basangiye kwicanabi abenegihugu baramwikorera,arikose,nubwo bomwikorera sabiwabo?nahunge ba manasse barihe ?aba DD n,imfyisi zikurya zigutwengera abarundi tugabe!!!!

  • MANA yanje we!hahaaa!nibarabe neza barasubiranamwo.kurya yagirira nabi abo badasangiye ivyiyumviro.nawe bagire bamugire nkuko.nahunge kare.kandi nabandi batware bose nibamenye konabone bazokurwa.hama urukwavu rikiruka kumbwa!!

  • Nimba yarakoreye neza abanyagihugu nareme bazomunyegeza.ariko abandi batware bikebuke batware neza.kuko hagire hagere batahe.

  • Nibamaramarire Hiyo Nne Bagomba Igihugu Gitwarwe Naba CNDD FDD GUSA ATANUWUNDI?

  • Ash muburund biragoy bakenyer igihug gitwarw n’umugambw umwe!!

  • AYO MA COMMENTAIRE NIMUYAREKE KUKO NTIYUBAKA AHUBWO ARASAMBURA

  • Kuberki?baguma bahindura abategetsi??barabe neza hari kiriko kirategurwa <<MANA UDUFASHE ABARUNDI>>

  • Nagende gukoresha tournes vis yiwe ntakibazo umwuga yarawize aho azoja hose azoronka akazi ahubwO baramudendereje

  • KUMUBOGOZA YAGIRIZWA AMAKOSA SINGORANE,ARIKO BAZE BARABA NIC,UMUNTU YAMAZE NTIBARENGANYE KUKO ASHOBORA KUZIRA UMUKEKO BATATOHOJE,IVYO BARAKUNDA GUSHIKA MUBUZI BWISHI HAGAKORA KAMPINGAYANJE,KAMWANA WA MAMA.

  • Arikobasha murumvise edourd nduwimana,ivyoyashikirije,abarundi?igihugu cacumwagihinduye,icimiryango yanyu?birakabona,iyomigambwe,ititavye,iyonama kukontamakuruyayo,atigute?vugati pita nkurunziza vako,urabe,ingene,amatora hiryayejo kataca,aba mumutekano ntangere.nayahandiho,nimyaka,itanu,izomuherana mamutoze,inzara kandi bomutoje,intoki.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.