Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vital’O yaronse umumenyereza mushasha avuye mu Budagi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O yaronse umumenyereza mushasha avuye mu Budagi

Vital’O yaronse umumenyereza mushasha avuye mu Budagi

lundi 30 Rusama 2016, par egide

Umurwi wa Vital’O FC waronkejwe umumenyereza mushasha ava mu gihugu c’Ubudagi. Hans Michael Weis yateye umukono ku masezerano y’ukumenyereza uwo murwi mu kiringo c’imyaka ibiri. Uwo mumenyereza mushasha yiyemeje ivyo agiye kurangurira uwo murwi.

Benjamin Bikorimana asanzwe ariwe arongoye umurwi wa Vital’O yerekanye icese uwo mumenyereza kuri uwu wa mbere, akaba yamenyesheje ko Hans Michael Weis azofasha kandi mu kumeyereza imikangara ya Vital’O y’abafise kuva ku myaka 15 gushika kuri 20, akazofasha kandi umurwi wa Vital’O kwunga ubucuti n’imirwi yo mu bihugu vya Roumanie, Dubai, Turquie, Thaïlande, hamwe na Japon.

Uwo mumenyereza yiyemeje ko azoronderera uwo murwi wa Vital’O inkino za kivandimwe mu bihugu vya Buraya, mu ntumbero y’ukwitegurira amahiganwa atandukanye, akaba yatanze akarorero k’ihiganwa rya CECAFA Kagame Cup ryimirije, hamwe n’ukuzoronderera isoko abakinyi ba Vital’O bazogurwa mu mirwi ikomeye yo kw’isi.

Hans Michael Weis afise impanyabushobozi ya UEFA Sports, akaba yaranguye imirimo yiwe y’ubumenyereza mu mihingo itandukanye y’isi nko muri Philippines, Ubuyapani, hamwe n’ubushinwa. Yarahawe inyigisho kandi muri Arsenal na Chelsea, akaba mbere yaranigeze kuba umuyobozi ajejwe ubuhinga mu Rwanda.

Uwo mumenyereza mushasha wa Vital’O azotangura icese ibikorwa kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.