Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Vital’o yatsinze vy’akamaramaza Academie Tchite - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’o yatsinze vy’akamaramaza Academie Tchite

Vital’o yatsinze vy’akamaramaza Academie Tchite

lundi 27 Gitugutu 2014

Igice c’umunani c’inkino za Primus League caraheze, icokwitwa igitangaza ariko casa nicitezwe ni ukuntu Vital’o yatsinze vy’akamaramaza umugwi Academie Tchite. Iyo ntsinzi yabaye iyo gusongera isibe kuko Academie Tchite ibangamiwe cane muri iryo higanwa.

Isaha cumi z’umuhingamo ku kibuga ca Prince Louis Rwagasore umurwi wa Vital’o usanzwe uri kw’isonga, watsinze Academie Tchite ibitsindo 5- 0. Vital’o ibaye umurwi wa gatatu utsinze ibitsindo vyinshi Academie Tchite, uwa mbere ni Inter Star yatsinze ibitsindo 8 - 0, Muzinga 6 - 0 hamwe na Vital’o. Uwundi murwi umaze gutsindwa vyinshi ni Prince Louis watsinzwe 6 - 0 na LLB.

Ku ndwi igira umunani imirwi yatsindanye uku gukurikira :

- Kw’igenekerezo rya 24-10-2014

- MUZINGA 0 : 2 MESSAGER BJM

- TCHITE 0 : 5 VITAL’O

- Kw’igenekerezo rya 25-10-2014

- ATHLETICO 1 - 1 VOLONTAIRE

- PRINCE LOUIS 2 - 1 BUJUMBURA CITY

- MESSAGER NGOZI 2 : 0 FLAMBEAU

- NYANZA UNITED 1 - 1 ROYAL

- INTER 1 - 1 OLYMPIC STAR

- LLB 1 - 0 RUSIZI FC

Mwomenya ko Vital’o ikiri kw’isonga n’amanota 21 hamwe n’ibitsindo 16, ikurikirwa na Inter Star ifise amanota 15 n’ibitsindo 10. Ubwa gatatu haza Atletico Olympic inganya amanota na Inter Star ariko yoyo ifise ibitsindo 5. Mu mirwi 16 iri mw’ihiganwa, Academie Tchite uza ubwa nyuma n’ibirarane vy’amanota 32 (-32), ikurikirwa na Nyanza United ifise ibirarane icenda (-9), ubwa gatatu uvuye inyuma haza Royal ifise ibirarane bine (-4). Iyo mirwi yanyuma nta gitsindo irinjiza.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.