Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O yatumiwe mw’ihiganwa mu Rwanda
Vital’O yatumiwe mw’ihiganwa mu Rwanda
vendredi 13 Munyonyo 2015, par
Umurwi w’umupira w’amaguru wa Vital’O wo mu Burundi watumiwe mw’ihiganwa Rayon Sports and StarTimes Christmas Cup ryateguwe n’umurwi wa Rayon Sports ufadikanije n’ishirahamwe StarTimes.
Muri iryo higanwa, hatumiwe imirwi umunani yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, bikaba bitegekanijwe ko rizotangura kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2015.
Imirwi yatumiwe muri iryo higanwa ni Vital’O yo mu Burundi, APR FC, Mukura VS, Police FC, AS Kigali na Rayon Sports zose zo mu Rwanda, Sports Club Villa yo muri Uganda, hamwe na Bukavu Dawa yo muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Umunyamabanga wa Rayon Sports, Olivier Gakwaya, amenyesha ko imirwi yo mu Rwanda izemera kwitaba iryo higanwa izohabwa amafaranga angana n’ibihumbi amajana atandatu vy’amanyarwanda. Imirwi izoba ivuye hanze y’igihugu nayo ikazohabwa amafaranga agera ku bihumbi bibiri vy’amadorare.
- Olivier Gakwaya, Umunyamabanga wa Rayon Sports
Amakuru atangwa kandi n’abariko bategura iryo higanwa amenyesha ko imirwi izoshika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma izohabwa ibihumbi amajana atandatu vy’amanyarwanda, 600.000, umurwi utahukanye ikibanza ca gatatu uhabwe umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu vy’amafaranga y’amanyarwanda. Umurwi uzoronka ikibanza ca kabiri uzohabwa imiriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu vy’amafaranga y’amanyarwanda. Umurwi nawo uzotahukana ikibanza ca mbere ukaba uzohabwa agashimwe k’imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amanyarwanda, hamwe n’igikombe.
Umukinyi azoba yarushije abandi nawe azohabwa ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu vy’amanyarwanda.
IGIHE
Messages
13 Munyonyo 2015, 20:59, par GAHUTU REMMY
NO MUBURUNDI UWUZOSHIRA AHABONA INYENZI IJE GUTATA IZOHABWA AMADORARE 5000 VYAMANYAMERIKA, UWUZOFATA UMUNYARWANDA AFISE INKOHO NAWE AHABWE 10000 VYAMADORARE YAMANYAMERIKA, UWUZOFATA UMU CENARED NAWE AZORONKA 2500 VYAMADORARE YABANYAMERIKA.
13 Munyonyo 2015, 21:00, par INTAMBA FANA
MUTERIMBERE RWANDA MUTERITEKA ABIWANYU INTAMBA UMUPIRA ASIGAYE ARI PORITIQUE
15 Munyonyo 2015, 01:13, par nkunda unkundajimmy
Amahirwe mdayahay ikipe ya APR
15 Munyonyo 2015, 10:34, par Gilbert NZAMBIMANA
Tubaye Turakeza Vitalo Ko Yaronse Ubutumire.Bazokine Umutima Urimunda Bazotuzanire Intsinzi.Bateriteka Igihugu Cacu Ciza Imana Yaduhaye.
15 Munyonyo 2015, 16:16, par vyamungu yves
Imana ibafashe batsinde
15 Munyonyo 2015, 16:55, par nina
nibareke kutuvanga , bivanye nibibazo urwanda ruhaye rutera uburundi ntakamaro ko kuja gukinana numwansi wawe ngo hagire ico bikumarira. ayo mafaranga nibayagumye, "tuzorya bike turyame kare".
17 Munyonyo 2015, 09:19, par guy
we Nina beatch inkino zihuriye hehe ninambara va ikuzimu ugaruke ibuntu uve mubuyobe .
18 Munyonyo 2015, 14:50, par Ishimwe
Abarundi muratangaje Kabisa u Rwanda mubona ari cyo gisubizo cy’ibyabananiye, Rajabu ibibazo afitanye na Nkurunziza biva mu Rwanda, imbonerakure ziva mu Rwanda, abahunga bajya TZ bahunga abanyarwanda, abanyarwanda barangije gukemura ibibazo byabo namwe ni mugerageze mukemure ibyanyu, ariko nk’abavandimwe banyu kandi baturanyi turabasabira amahoro. Imana ibarinde
19 Munyonyo 2015, 07:59, par nijimbere
nibitabe iryo higanwa harigihe bogitwara