Accueil > Ibikorwa vyabaye > Vonecovic : Abarwayi bo kw’ivuriro ryo mu Kinama barahawe imfashanyo
Vonecovic : Abarwayi bo kw’ivuriro ryo mu Kinama barahawe imfashanyo
vendredi 19 Mukakaro 2013
Mu kwifatanya n’ihimbazwa ry’umusi mpuzamakungu wahariwe uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Nelson Mandela, ishirahamwe VONECOVIC riri mu gihugu ca Norvege ryagarukiye ku barwayi bo kw’ivuriro "Lumiere Pour tous", umuco kuri bose, kuri uno musi wa kane igenekerezo rya 18 Mukakaro 2013.
Iryo vuriro risanzwe rikorera muri komine Kinama ryakira abarwayi b’indwara z’ubwoko bwose. Ishirahamwe Vonecovic rikaba ryifuje kugarukira iryo vuriro mu gufasha abarwayi ba ntahonikora bataronse amahera yo kuriha ibitaro canke imiti.

Mw’ijambo ry’’icegera c’uwuserukira iryo shirahamwe Vonecovic, akaba ari nawe yaritanguje, Nsengiyumva Minani Felicien, yamenyesheje ko muri iryo shirahamwe ryabo basanzwe bafasha abatwa hamwe n’aba ntahonikora. Mu misi yahera, bari basavye abarongoye iryo vuriro ko bobatorera abantu cumi ba ntahonikora gusumba abandi, ari naho ku munsi w’ejo baje gushikiriza ako gafashanyo kagera ku mafranga ibihumbi 330000 vy’amafaranga y’amarundi. Nsengiyumva Minani Felicien yamenyesheje ko ivyo bakoze bigamije urukundo, kandi kwari kwitabira akamo k’abategetsi ko n’abarundi bari hanze bogira ico bakoreye abandi barundi benewabo.
Yamenyesheje ko no ku musi wa gatatu bari bagiye gufasha uwundi mukenyezi yabuze amafranga yo kuriha ku bitaro Prince Regent Charles.

Uwuserukira iryo vuriro imbere y’amategeko, Ernest Ndayishimiye yarakengurukiye bimwe bivuye ku mutima iryo shirahamwe Vonecovic, eka n’abarwayi baronkejwe ako gafashanyo barashimye cane ibikorwa vy’iryo shirahamwe ryitwararika ba ntahonikora.
- Nsengiyumva Minani Felicien, icegera c’umukuru w’ishirahamwe Vonecovic
Nsengiyumva Minani Felicien, icegera c’umukuru wa Vonecovic akaba yarangije atera akamo kuri abo bose bishoboye, agira ati : ’’Tugiye hamwe tugafashanya, abafise uburyo bagafasha abatishoboye, Uburundi bwoba iparadizo. Ntituri abakene ahubwo tubuze urukundo.’’


Floxella Karire