IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Vumbi : Umunywanyi wa FNL ya Rwasa apfunzwe azira ivyo yavuze

Vumbi : Umunywanyi wa FNL ya Rwasa apfunzwe azira ivyo yavuze

mardi 18 Munyonyo 2014

Pascal Barakamfitiye umunywanyi w’umugambwe FNL ishami rya Agathon Rwasa apfungiwe mu gasho ka komine ya Vumbi mu ntara ya Kirundo, akaba yagirizwa gutera ubwoba abantu.

Intandaro ya vyose nk’uko aya makuru ava i Vumbi abivuga, akaba yoba ari amajambo yashikirije ku bijanye n’abazandika abazitaba amatora. Uwo munywanyi w’umugambwe FNL ari mu gasho, akaba yavuze ko abantu bahawe akazi ko kwandika abazitaba amatora ari abantu bari mu mugambwe CNDD FDD, akaba yaciye afatwa kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 14 Munyonyo, igihe yariko arayaga n’umwe mu rwaruka rw’Imbonerakure yaho i Vumbi mu ntara ya Kirundo izwi kw’izina rya Nitunga.

Mukamenya ko abazandika abo bazokwitaba amatora, kugeza ubu mu ntara zimwe zimwe havugwa ko hakoze akamwana wa mama, ndetse na bamwe mu bakozi ba Reta bakaba barahawe ubuzi mu gihe hari benshi bataronse ako kazi kadi ari ibishomeri.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbeyibaza kwarikera ahobashikahose bisanga batubwira ivyindoto zidahera, nubu iyo Nyangoma adatanguza ikindikiroberi cokwunganira ikiroberi caboba FNL (Palpehutu) uburundi bubabukiri mwiterabwoba ryurudahera ryaboba FNL burya nivyagiyebituma bamwemuba FNL bazabarishingira utundidushami buryababa barambiwe namajambo babababona bamazemwo imyaka nimyaniko yabarambiye.

  • Uritonda. Aho aba dd bari harabandi, na uprona ntawarazi ko yari gukurwa, numwami nabukandineza yariziko ubwami bwiwe butazovaho.ntawarazi ko farawo yorekuye ubwoko bwabanyisirayeri, ntakinanira Imana. Umusi amarira yabarundi azoshikira Imana ntawuzosubira kwibuka ukundi cndd fdd. Amata y, Inkona anyobwa ninkumbuzi

  • Inkuru yumwe ikamwa ifyufyu ico si ikintu yopfungirwa guko nabavuga ibisuma ivyo baridegemvya. Murabaza neza ahoho ntimwoduhenda mutange inkuru mwatohoje.

  • Imvo nimvano nuko yave ukogu ,arico yabeshe murivyo umugabwe wa FNL (ntajambo ufise mugihugu cawo Ncuti niwihorere ugume kwibanga iyo mvura igiye guhita .komere Komera imana irakubona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.