Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muyinga : Abanywanyi ba FNL basaba ubutungane ku bagandaguwe umunywanyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Muyinga : Abanywanyi ba FNL basaba ubutungane ku bagandaguwe umunywanyi (...)

Muyinga : Abanywanyi ba FNL basaba ubutungane ku bagandaguwe umunywanyi wabo

mercredi 7 Nzero 2015

Vumiliya Ndayisenga arongoye umugambwe FNL ishami ritemewe na Reta asaba ko amatohoza yoba vuba kandi abagirizwa kugandagura umunywanyi wabo bagahanwa bikurikije amategeko.

Ivyo uwo mupfasoni arongoye uwo mugambwe akaba yabishikirije inyuma yaho agaragarije amakenga ko bamwe mu bafashwe kubera biketswe ko aribo boba barakoze iryo bara, boba bagira bakurweko icaha, vyegekwe ku bandi. Abo banywanyi b’uyo mugambwe bakavuga ko ihohoterwa bariko baragirirwa mu gihe amatora yegereje ryohagarara. Vumiliya Ndayisenga akavuga ko umwe mu banywanyi biwe yanyurujwe ku musozi wa Kigomango, mu gihe uwundi yishwe, n’ubu abamugandaguye bakaba bataramenyekana.

Musitanteri wa komine ya Muyinga Deo Rwamuhizi we akaba avuga ko umutekano muri komine yiwe wifashe neza, ariko ko atanyambo ibura agahonzi, igihugu gitonderewe n’ubunyegeri. Musitanteri akaba yavuze ivyo mu gihe Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD zimaze iminsi zidaca uwaka n’abo banywanyi ba FNL.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.