Accueil > Amakuru > u Burundi > Vyanda : Imiriro ya nyakanga irageramiye amashamba cimeza
Vyanda : Imiriro ya nyakanga irageramiye amashamba cimeza
lundi 9 Nyakanga 2013
Inyuma y’amazu agera ku 263 yubatswe mw’ishamba cimeza ryo mu Vyanda, iryo shamba rirageramiwe kandi n’imiriro ya nyakanga.
Kubw’iyo mpamvu, imitumba 8 ku mitumba 11 igize iryo shamba cimeza, ikaba imaze kwuzura imiryango y’abantu igera ku 263, muriyo, harimwo abahungutse n’abandi baje bava mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi.
Umugenduzi wo mu gisata kijejwe gukingira ibidukikije, yasavye ko iyo miryango y’abo bantu baje kwubaka mw’ishamba cimeza mu Vyanda ko yoja kuba mu kirwati gitegekanijwe kwubakwa hafi y’ibarabara riri hirya y’iryo shamba.
Mwomenya ko iryo shamba cimeza ryo mu Vyanda ryaturiwe ku bice bigera kuri 60 kw’ijana ku mahegitari arenga ibihumbi bitatu ryari risanzwe rifise. Imitumba nka yose yo mu Vyanda ikaba yarahitanywe n’iyo miriro ya nyakanga.
Abatowe mu ntara ya Bururi basaba ko abajejwe intwaro badahimiriza abanyagihugu kurwanya imiriro ya nyakanga, bakwiye kuva mu mabanga bajejwe.
Mariella Bukuru