IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Vyanda : Imiriro ya nyakanga irageramiye amashamba cimeza

Vyanda : Imiriro ya nyakanga irageramiye amashamba cimeza

lundi 9 Nyakanga 2013

Inyuma y’amazu agera ku 263 yubatswe mw’ishamba cimeza ryo mu Vyanda, iryo shamba rirageramiwe kandi n’imiriro ya nyakanga.

Kubw’iyo mpamvu, imitumba 8 ku mitumba 11 igize iryo shamba cimeza, ikaba imaze kwuzura imiryango y’abantu igera ku 263, muriyo, harimwo abahungutse n’abandi baje bava mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi.

Umugenduzi wo mu gisata kijejwe gukingira ibidukikije, yasavye ko iyo miryango y’abo bantu baje kwubaka mw’ishamba cimeza mu Vyanda ko yoja kuba mu kirwati gitegekanijwe kwubakwa hafi y’ibarabara riri hirya y’iryo shamba.

Mwomenya ko iryo shamba cimeza ryo mu Vyanda ryaturiwe ku bice bigera kuri 60 kw’ijana ku mahegitari arenga ibihumbi bitatu ryari risanzwe rifise. Imitumba nka yose yo mu Vyanda ikaba yarahitanywe n’iyo miriro ya nyakanga.

Abatowe mu ntara ya Bururi basaba ko abajejwe intwaro badahimiriza abanyagihugu kurwanya imiriro ya nyakanga, bakwiye kuva mu mabanga bajejwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.