Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Washington : Gutunga urumogi vyemejwe na Reta yo muri ico gisagara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Washington : Gutunga urumogi vyemejwe na Reta yo muri ico gisagara

Washington : Gutunga urumogi vyemejwe na Reta yo muri ico gisagara

jeudi 26 Ruhuhuma 2015

Ku murwa mukuru wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Washington, gutunga urumogi canke kurunywa aho umuntu aba ari hose vyemewe na Reta yo muri ico gisagara.

Abanyagihugu baba ku murwa mukuru wa Reta zunze ubumwe z’amerika, Washington, ubu bagiye gutunga urumogi batinyegeje mbere n’abarurima canke abarugurisha bagiye kworoherwa, kubera batazosubira guhanwa bafatanywe ibiyayuramutwe. Mugabo ivyo bikemerwa ku bantu bakuze.

Si ico gisagara conyene co muri Reta zunze ubumwe z’Amerika hemewe gukoresha urumogi ku mugaragaro, no mu bisagara nka Colorado canke Alaska vyamaze gutangura gukorwa kandi bishigikiwe na ma Reta yo muri ivyo bisagara.

Mugabo mwomenya ko hariho ibisagara vyinshi vyo muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mbere n’ibihugu vyinshi kw’isi bitemera ko abantu banywa urumogi canke barundadaza, kandi abafashwe bahanwa bikomeye.

Itegeko rero ryatowe mu nama ikomeye ry’abashingamateka bo muri ico gisagara, aho ryemerera abantu gutunga canke kugendana urumogi rwitwa "Marijuana" rugana n’amagarame 56 kandi ikemerera n’abarurima kurima ibiterwa(plantes) vyarwo bishika kuri 6.

Ivyo bikaba vyakozwe mu buryo bwo kwiteza imbere muri ico gisagara mbere no mu bindi bisagara nka Colorado, mu gihe abagurishije ivyo biyayuramutwe bariha amahera (Taxes) Reta yabo, maze Reta igaheza igasubira kuyatanga mu banyagihugu.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.