Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Wayne Rooney yaronse agashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka mu Bwongereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Wayne Rooney yaronse agashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka mu Bwongereza

Wayne Rooney yaronse agashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka mu Bwongereza

mercredi 6 Nzero 2016

Umukinyi w’umwongereza akinira kandi umurwi Manchester United Wayne Rooney yatahukanye agashimwe k’umukinyi mwiza wo mu mwaka w’2015 mu Bwongereza.

Wayne Rooney atwaye ako gashimwe gahabwa uwaronse amanota menshi avuye mu bakunzi b’umupira w’amaguru mu Bwongereza.ku ncuro ya kane.

Mu ntango z’ukwezi kwa 12, niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bwongereza ryashira ahabona amazina y’abahiganirwa ako gashimwe k’umukinyi mwiza mu mupira w’amaguru muri ico gihugu.

Mu mwaka uheze w’ 2015, Rooney yari kizigenza w’umugwi w’Ubwongereza watsindiye kwitaba ihiganwa rya Buraya Euro 2016, ihiganwa rizobera mu Bufaransa mu kwezi kwa gatandatu, aho Ubwongereza bwatsinze inkino zose uko ari 10 mu mugwi ico gihugu carimwo, aho Rooney wenyene yatsinze ibitsindo 5.

Ikindi catumye Rooney atsindira ako gashimwe n’uko yabaye uwa mbere mu mateka y’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza yawinjirije ibitsindo vyinshi,kuko ubu ageze ku bitsindo 51,mu gihe Sir Bobby Charlton yatsinze ibitsindo 49 mu mwaka w’1968.

Abandi bakinyi bariko baraharanira ako gashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka ni Joe Hart akinira Manchester City, Gary Cahill akinira Chelsea, Raheem Sterling akinira Manchester City na Harry Kane akinira Tottenham Hotspur.

Wayne Rooney azoronswa ako gashimwe imbere y’urukino rwa kivandimwe ruzohuza Ubwongereza n’Ubudagi mu gisagara ca Berlin kw’igenekerezo rya 26 ukwezi kwa gatatu 2016.


IGIHE

Messages

  • JEWE.NDUMUKUNZI WUMUPIRA.NITWA.B.IZIMANA.ALEXANDRE.NUMVA.MBABAYE.KUMVA.INTAMBA.ZATAYE IKIBANZA.KW’ISI.NOMURI AFRICA.AKABAZO.NONE VYATUMWE NIKI.COMMINE.YANJE.NI GISURU.UMUTUMBA.GAHINGA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.