Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Welcome Home’’ ireresi yaraye isohotse icese - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > “Welcome Home’’ ireresi yaraye isohotse icese

“Welcome Home’’ ireresi yaraye isohotse icese

vendredi 17 Rusama 2013

Iyo reresi yakinywe mu rurimi rw’igifaransa no muki néerlandais, yasohotse icese ku mugoroba w’uyu wa 16 Rusama. Ni ireresi yakinywe n’abarundi.

Iyo reresi ivuga umuryango w’abarundi watashe uva mu gihugu c’Ubuholande. Uwo muryango umaze gushika mu Burundi wavuga ko waje mu karuhuko gato ko mu nyuma uzoca usubira inyuma. Niko gutangura kurondera impapuro zo gusubira muri ico gihugu c’Ubuholande. Bitanguye kugorana, batanga igiturire c’amahera atari make ariko nahonyene ntivyakunda. Biraheza biramenyekana ko bataje mu karuhuko. Vyose bisenzwe batangura kurondera akazi mu Burundi.

Aho “Welcome home” ( Kaze i muhira) yarekanywe mu kibanza cagenewe ukuraba amareresi n’ivyese mu kigo c’abafaransa c’i Bujumbura, abantu bari bakubise harazima baje kuraba iyo reresi. Kukaba nkako, iyo reresi yarimaze iminsi ivurwa cane kurubuga ngurukanabumenyi rwa facebook. Iyo reresi Ndayisenga Yozefu yamaze iminuta 25, ihejeje kwerekanwa, abaraho bararonse akaryo ko kubaza ibibazo abayikoze. Abafashe ijambo bakaba barashimye ukuntu iyi reresi yakozwe. Ndayisenga Yozefu nawe yayanditse yaboneyeho akaryo ko gushimira abo bakoranye bose.

“Welcome home” ikaba yari yatowe muzindi zigera kuri 200 mw’ihiganwa ry’imboneshakure y’abafaransa CFI. Aho hatowe 10 za mbere zahavuye zihabwa uburyo bwo kuzikora. Mwomenya kandi ko iyo reresi ari nayo iherutse gutuma uyo musore yayanditse atorwa ngo aje gukurikirana inyigisho z’amezi abiri muri kaminuza ya La FEMIS iri Paris mu gihugu c’Ubufaransa. Iyo kaminuza ikaba itanga ubumenyi ku myuga itangukanye ijanye n’ugukora amareresi.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.