Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Wema Sepetu aryamanye mu gitanda na Ommy Dimpoz naho badakundana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Wema Sepetu aryamanye mu gitanda na Ommy Dimpoz naho badakundana (...)

Wema Sepetu aryamanye mu gitanda na Ommy Dimpoz naho badakundana (amafoto)

mercredi 18 Ruhuhuma 2015

Wema Sepetu amaze gutangaza ko atagikundana na Diamond, aboneka ari mu gitanda n’umuririmvyi Ommy Dimpoz.

Amafoto ariko aboneka hirya no hino ku buhinga ngurukanabumenyi y’umukinyi w’amareresi Wema Sepetu yahoze akundana n’umuririmvyi Diamond aboneka uwo muririmvyi aryamanye na Ommy Dimpoz. Ivyo bimaze gutera amakenga abatari bake, ikinyamakuru Daily Nation caratohoje gisanga ntibakundana.

Amakuru atangwa n’ico kinyamakuru yemeza ko uwo mukinyi w’amareresi n’uwo muririmvyi badakundana, ariko bafitaniye ubugenzi busanzwe, hari kandi n’amakuru avuga ko Sepetu yoba agiye kuzoboneka mw’isanamu Ommy ariko arategura

Inyuma y’amafoto ya Wema Sepetu na Ommy Dimpoz yagiye akwiragizwa ku mbuga zitandukanye, abagaragaza baryamanye, benshi bakaba batanguye gukeka ko bakundana, ndetse vyinshi mu bitangazamakuru birakavyemeza, ariko bo bemeza ko ata rukundo rudasanzwe ruri hagati yabo.

Hari amakuru atangwa n’uwegereye abo babiri avuga ko Ommy kuva kera ari umugenzi wa Diamond, Wema nawe akaba yarakundanye na Diamond, ivyo rero biriko bitangaza abantu benshi bigatuma babivuga uko bashaka.

Abantu bobo bamaze kubona ayo mafoto ya Wema Sepetu na Ommy mu gitanda ataco yonona, bagize bati : "Wema yoba yashatse kwishumbusha na Ommy inyuma yo guhebana na Diamond Platnumz."

Umviriza ururirimbo " Ndagushima" rwa Ommy Dimpoz wo muri Tanzaniya


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.