Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Wema Sepetu yahagaritse urukundo rwiwe na Diamond - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Wema Sepetu yahagaritse urukundo rwiwe na Diamond

Wema Sepetu yahagaritse urukundo rwiwe na Diamond

samedi 22 Munyonyo 2014

Umukinyi w’amareresi Sepetu yatangaje ko yahagaritse imigenderanire y’urukundo na Diamond, ntiyashatse kuvuga impavu bavanye n’uwo muririmvyi naho hari abavuga ko vyoba vyatumwe n’umukobwa wo mu Bugande yoba akundanye na Diamond.

JPEG - 97.4 ko
Diamond mu rukundo na Wema Sepetu

Urukundo hagati ya Diamond na Sepetu Wema ntirwari rusanzwe, ariko ntawuzi ica ruciye. Wema Sepetu abwiwe ntatomora neza impavu yoba yatumye aheba Diamond. Igitangaza n’uko Wema yiyamiriza amakuru avuga ko yoba ahevye Diamond kubera Zarinah Hassan. Diamond nta nkeka ko yoba asigaye asohokana na Zarinah wo mu Buganda.

Insiguro Wema atanga ntizihagije, avuga ko ashatse guha umwanya Diamond wo kwidengevya maze akore neza umuziki wiwe, eka na wenyene ashaka akaruhuko. Inyuma y’ikiringo adatomora azoheza abaze Diamond ko atawe bakundana maze bishobotse basubirane. Ikindi n’uko Wema yemeza ko Diamond adakundana na Zarinah Hassan, n’abagenzi basanzwe.

Diamond abajijwe uko yakiriye ingingo Sepetu afashe, yishura ko umuntu wese afise uburenganzira bwo gukora ivyo ashatse, kandi arahakana ko adakundanye na Zarinah Hassan ko arri umugenzi gusa.

Mwomenya ko atari ubwa mbere Wema Sepetu na Diamond bavugira mu bimenyeshamakuru ko bahebanye ariko bagasubira. Wema Sepetu yari yatowe Miss Tanzaniya mu mwaka w’i 2006.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.