Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
William asaba sentare y’i La Haye ko abamuburanira bomuserukira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > William asaba sentare y’i La Haye ko abamuburanira bomuserukira

William asaba sentare y’i La Haye ko abamuburanira bomuserukira

vendredi 17 Rusama 2013

Icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto yamenyesheje sentare mpuzamakungu mpanavyaha ko yipfuza kuvuga ukuri kwose kugira umuco uboneke ku bakoze ubwicanyi bwakurikiye amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kwa Kigarama, umwaka w’2007, nawe nyene ariko aragirizwa.

Wlliam Ruto yamenyesheje ko ahejeje kubazwa n’abacamanza, agirako mbere abasaba ko yoza iritaba rimwe rimwe, bikenewe nko mu ntango y’ibirego no mu mpera hageze kumenyeshwa ivyavuye mu rubanza.

Ico cegera c’umukuru w’igihugu William Ruto aributsa ko ivyo asaba abirekurirwa n’ibwirizwa shingiro nk’icegera c’umukuru w’igihugu. Nk’uko abandanya abimenyesha, ashobora kuzohora yishura ku bibazo vy’abacamanza ari i Nairobi, biciye ku buhinga ngurukanabumenyi (vidéo-conférence), canke abamuburanira bakaba aribo baza bararenguka i La Haye mu gihe bikenewe.

Naho William Ruto amenyesha ko ivyo asaba abifitiye uburenganzira, amakuru ava muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha amenyesha ko amahirwe kuri Willam Ruto yo kwemererwa ivyo asaba ari make cane, kuko ibiro vy’umushikirizamanza i La Haye vyamaze kumenyesha ko abagirizwa bose bokwama bitaba ubwabo, umwanya uwariwo wose boba babakeneye.

Umushikirizamanza w’i La Haye amenyesha ko urwo rubanza ruzoba akarorero k’amakungu mu kurwanya ukudahana ivyaha kwibonekeza mu bihugu vyo muri Afrika


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.