Accueil > Amakuru > Poritike > Willy Nyamitwe: ’’Nta bantu bahambwe mu binogo bimwe’’
Willy Nyamitwe: ’’Nta bantu bahambwe mu binogo bimwe’’
jeudi 21 Nzero 2016
Umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe,amenyesha ko ata bantu bahambwe mu binogo bimwe canke ngo abajejwe umutekano bafate abakenyezi ku nguvu.
M kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika,Willy Nyamitwe yavuze ko mu mico y’ikirundi bisanzwe bizira ko hari abantu bahambwa hamwe canke abajejwe umutekano bakoze icaha co gufata ku nguvu.
Ku bijanye n’ibiganiro bihuza abarundi,Willy Nyamitwe yavuze ko Reta y’Uburundi yiteguye kwitaba ibiganiro ariko bikabera mu Burundi kugira vyitabwe n’abarundi bose kuko aribo begwa n’ikibazo.
Mwomenya ko umurwi w’igihugu ujejwe gutegura ibiganiro bihuza abarundi watanguje ibiganiro ku mugaragaro,kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 19 Nzero 2016 mu ntara ya Kirundo.
IGIHE
Messages
21 Nzero 2016, 18:17, par maso
naso ntiyahambwe muri fosse commune. covrte memoire de nyamiwe.
21 Nzero 2016, 18:21, par SUBIRI
Reka ncuti yanje abo babivuga ni abangushi INGABO zacu zitakoreye ako Kabi muri santrafrika iyo zuri kure y’IMIRYANGO zokorera iryo bara aho ziri Hafi y’imiryango uwugutuka Ntagutorera Ibiganiro navyo Nukuri nibibere mu Burundi Kukaba nkako none sivyabo Erega ababipfa nababisangiye Nayo abo BAZUNGU n’uruhendo ntibabatware iwabo ukunda UMWANA gusunvya SE ukaba ugomba kumumwiba.
21 Nzero 2016, 18:43, par Tuze
hahaha. Yarabazuye ngirango.
21 Nzero 2016, 20:04, par nibizi
Muntunge mbaze ikibazonyamitwe:mwararakoze amatohoza?ubwontimuvuga uko mugihe abapfuye mubita abansi bigihugu abicanyi nayandimazina?aho abantubapfa ngo bapfuye kuberiki cankekiriya mukibagirakomwakuyeho igihano cogufa?kuberiki abazejwe umutekano batobafata hokubica?mbe bamazegupfa ubutungane bubabukimaziki ko mubamuruciye impaga?
21 Nzero 2016, 20:32, par Mukurarinda Willy
Mbega Ivyobinogo Ntivyokwerekanwa? Abafashwe Kunguvu Ntibokwitwara Bakarenganurwa. Iyonimitwe Yababirig Nabadandaza Uburundi.
21 Nzero 2016, 22:44, par Nkunzimana
Ibiganiro Nibabijemwo Bose Turonke Amahora Muburundi
21 Nzero 2016, 22:47, par Jay z
ndagukunda mutama wewe na nyakubawha Nkurunziza imana ibongere imigisha
21 Nzero 2016, 22:48, par Munywanyi
Shirira Mwenewacu
22 Nzero 2016, 07:41, par INTGOHEKA
BANDANYE MUKORE BA SINDUMUJA NABO BABANDANYE BAKWIRIBISAKA NGO BAGOMBA RETA FATAKIBANZA BAMENYEKO INKONITARUZWA UWUZOJA HEJURU TUZOMUMESA
22 Nzero 2016, 10:52, par che
None wagirango uvuge ngwiki? Ikimbabaza nuko mutazi ko ivyo mukora bizobagaruka impera n’imperuka, itonde murabe ivyabaye mu Rwanda, n’ahandi hirya no hino, abakoze ubwicanyi nkubwo leta y’uburundi iriko irakora bose barangajwe abandi barafungwa abandi baricwa!! Geze ngaho bigishoboka.
22 Nzero 2016, 11:19, par gaby
Birababaje kuba l’État izahoro mugusobanura ko itishe ngo ikanahamba abaturage mubyobo rusange nkibaza igihe ubuyobozi buzashyira mubikorwa ibijyanye niterambere ry’abaturage???
22 Nzero 2016, 11:43, par Tijos
Aba bagabo ba Nyamitwe nibo bishe igihugu cacu. Ico bomenya nuko igihugu atari ishamba, bitebe bitebuke amazi azorenga inkombe ntimukironke ivyo mubesha. Muzokwiyomora mwebwe nyene. Gutwara ntivyoroshe!
23 Nzero 2016, 10:38, par KING
Subiri na hizo siasa zako za ovyovyo utaona.
24 Nzero 2016, 07:06, par Niyokindi Sévérin
Natwe Nivyo Twipfuza Ko Vyobera Muburundi.
24 Nzero 2016, 20:02, par Dunia
Burakeye ukuri kuze ahabona.hama nyamitwe tuzorabe imitwe yiwe,
24 Nzero 2016, 22:26, par ntunzwenayo edouard
Mbega abo mbambika ibara izego zumutekano.gozifata abakobwa kugumvu.ntabagore babo bifitiye.
25 Nzero 2016, 01:03, par ngowenubusa
Ngo mu1972 ntavyigeze bibaho. Ewe sha uraza kutwereka aho bataye so
29 Nzero 2016, 13:26, par john
ah nigi