Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Willy Nyamitwe "Sinoshobora kubabwira aho umukuru w’Igihugu ari" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Willy Nyamitwe "Sinoshobora kubabwira aho umukuru w’Igihugu ari"

Willy Nyamitwe "Sinoshobora kubabwira aho umukuru w’Igihugu ari"

jeudi 14 Rusama 2015, par Jean De Dieu

Mukiganira kidasanzwe gihejejwe gushikirizwa n’Iradio Ijwi ry’Amerika, NDABANEZE Zénon umuvugizi wa Général Major Godefroid Niyimbare na Willy Nyamitwe ntibahuza kubiriko bibere mu gisagara ca Bujumbura

Ndabaneze Zénon umuvugizi wa Général Major Godefroid Niyimbare ahejeje gushikiriza ko bashize imbere ingendo yokubahiriza ibwirizwa nshingiro, i Radio nkuru y’Igihugu itegerezwa gushikiriza amakuru ahumuriza abanyagihugu,amakuru yukuri, kurubu i Radio nkuru y’Igihugu icungerewe ningabo za Petero Nkurunziza, turacariko turabandanya kubumvisha ko ivyobarimo bobiheba bakabandanya inzira yamahoro hamwe natwe, yamenyesheje ko yemezako hari ama quartier amwe amwe yateweko ibisasu kubantu bamwe bamwe bari berekanye ko badashigikiye ukwitoza kwa 3 kwa Petero Nkurunziza, kubijanye n’ikibuga c’Indege yamenyesheje ko Ikibuga c’Indege ca Bujumbura cugawe kndi ko aribo bagifise muga ko vyoba vyiza abantu bifuza kugendera Uburundi bobanza kurindira umutekano ugasubira muburyo,

JPEG - 65.1 ko
Willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru mubiro vy’Umukuru w’Igihugu

Willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru mubiro vy’Umukuru w’Igihugu yaciye amenyeshako ivyaraye bibaye babifata nki nkinamico mbere ko akokarwi nubu ingabo z’igihugu zihejeje kugatuza, kurubu igihugu kiratekanye, mbere n’umukuru w’igihugu nawe ahejeje gushikiriza ijambo,uti" sinoshobora kubabwira aho umukuru w’Igihugu ari kuko amakuru ajanye numutekano w’umukuru w’igihugu ntemerewe kuyamenyesha, imbibe z’igihugu ziruguruye, mbere ejo hari indege yahagurutse kukibuga c’indege ca Bujumbura, ibibanza vyose bamye bifuza gufata vyarabananiye, Général Major Godefroid ntivyobura ko yoba afise abariko baramufasha gutembagaza ubutegetsi muga sibenshi, ingendo zugutembagaza ubutegetsi twarabisezereye, abarundi twafashe inzira yamatora, munama yariko ibere i Dar es salaam barateye ivyatsi ugutembagaza ubutegetsi, mbere ngira mwaruvyumvise yuko n’umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Barack Obama yamenyesheje yuko umukuru w’igihugu ari Petero Nkurunziza.


IGIHE

Messages

  • Nitwe tuhaboneye amakuba twe turi muri intérieur!Bamwe ngo bafashe radio,hama abandi ngo radio iracari mu minwe ya leta!Mana,aho ntiwokwigaragaza mu gihugu cacu abarundi tukaronk’amahoro????

  • Mbega ko twumva ibitandukanye baba abatembagaza ubutegetsi baba abarongoye igihugu ntanumwe a7uga ukuri!None ukuri ni ukuhe?

  • Nakamuna! baraheba bakaducanga nkikarata kweri! willy avugako muburundi haramahoro sindamwumva nagato, ibiriko bivuga aha i bja nimituragaro? ahubwo nibemere ivyo zenon avuze kugirango turonke amahoro! je 6numva impamvu Umukuru wigihugu atorekura nyimba koko akunda abene gihugu?!!

  • Abatari bake baramaze kuvuga kenshi ko Nkurunziza azobera Nkurumbi Abarundi. Ivyavuzwe riratashe. Azoruhuka aruko amaraso y’Abarundi isinzi asessetse.

  • je Nubu sindatahura ivya niyombare eka na leta y uburundi. eka n urukino ruzohitana abarundi

  • ndatera ivyatsi uwomwasi w’uburundi kwiyo ngendo igayitse,agomba kudusuza muri kahise kabi?nawe uvyumva gute

  • ndatera ivyatsi uwomwasi w’uburundi kwiyo ngendo igayitse,agomba kudusuza muri kahise kabi?nawe uvyumva gute

  • ntagitangaje kirimo kimwe ugutwi kwi mpene kwunva kwokejwe.nakomere niyombare !

  • willy nyamitwe iyo ntebe wicàyeko uriko urayiÄ£oràkuko utazosubira kuyiboña uÄ·unÄ i

  • Nivyo Abarnd Dushaka Abatwaraneza Imana Ituj, Imbere

  • Ego Ivyo Nivyo Mugabo Bizozana Icuka Kibi Mu Burundi

  • Jenunvabobirekanibitozetubatore

  • MBEG UMUKURU W’IGIHUG NTIYOFAT IJAMB ABANT TUKARONK AGAHERW REK ABON NAKAR NGO <KANANIR ABAGAB NTI YIMYE!!>

  • Ubukur Ntawobutabera Nukobuteba Kuza.

  • Komera Mutama wacu Peter abakwanka bakwandureko.Niyombare nabamuhenze nka pacifique, sinduhije, mbonimp pour ne citer que ceux làbitegure kwishura kumafuti yabo.songa mbele

  • Nkurunziza est de retour àBujumbura. Abamwanga mwiyahure

  • jew mbona ko ari urukino nkurunziza yateguye kugira baduturirire amaradio baronke ningene bahinjira nkurunziza adusubize amaradiyo yacu yaturiwe kuko turafise amakuru kariw yategetse abaporisi kur fone ngo baturire ayo yavugiyeko yos niyombare turacabitohoza

  • Komera Mutama wacu Peter abakwanka bakwandureko.Niyombare nabamuhenze nka pacifique, sinduhije, mbonimp pour ne citer que ceux làbitegure kwishura kumafuti yabo.songa mbele

  • Imana yonyene niyo yo kudutabara kuko ibibazo vyo mu Burundi birayobeye, bisize ubwenge.mukomeze gusengera uburundi n’abarundi

  • ubu igihugu gitwara nde?

  • pole sha nyamitwe, aho wahendey abarundi ni kera, turazi ko ariko akurikiranwa n’abaganga, ubu ho vyagiy ahabona ko twatwagwa n’umusazi. hama nimba ikibuga c’indege cuguruy, ejo urafata urugendo uje kumusuhuza.

  • Umukuru wigihugu yaraye muntara ya ngozi ariko yabonyeko atacoroshe kirimwo kuko naho atahiye yababutse kuko nawe yaraye mubuhungiro bwimisi ibiri kandi yabibonyeko abari ikigoma no murwanda nabo bakeneye kubaho mumahoro numutekano mubabo no muvyabo

  • ZASEMA ZABANYABUJUMBURA BATIGEZE BABONA INTAMBARA NIMWAKIRE ICOMWARONDERA MURAKIROSE MWAVYE UMURIRO MUMARADIYO UUUH UH NDABABAJWE NUTWANATURI BUJUMBURA ATACOTUZIRA MANA TABARA UBURUNDI

  • utwo tuntu tubuza abantu gukora imirimo yabo ni utuhe?

  • Asubiremubujumbura bamwereke icho gikoko chamabara chomora beneburundi ivriye vrarangiye ahoharikera ubuturibonera ntuyo nyamitwe azohava amukurikira pettero nkurunziza botse nichokimwe

  • Ivyo Birasanzwe Na Niyombari Sumwana Muto Kand Afise Abo Rukorana None Petero Yoba Arihe Mwiki Gihe?Narabe Kunt Atantambara Yosubira Kugaruka Burundi Kand Amenyeko Ahevye Kwitoza Amahoro Azoba Abonetse.

  • abagomba gusubiza igihugu muntambara ntacobazoshikako.umukuru w’igihugu ahejeje kurengana amanuka bujumbura twamuherekeje turamukorako.anezerewe.abaputchistes n’abamanifestants n’abaserukira ama société civil amwamwe n’abanyepolitique bose fafatwe bacirwe urubakwiye banarihe ivyononekaye vyose

  • Turakeje Cane Igisirikare C’UBURUNDI.Nyene Icubahiro Gen Maj Godfroid niyombare,nabo Barikumwe Mu Mugambi Mubi Ugayitse Nibateshwe Bate.Iyongendo Twarayisezereye.Turakeje Cane Kandi Nyakubahwa Gen Majr Prime Niyongabo Imana Yo Mw’ijuru Ibandanye Imukomerezamwo Umutima Wogukunda Igihugu N’abeneco.Turashimiye Cane Nizindi Nteko Z’igisirikare Zemeye Gukenyera Zikaguma Mugukingira Democratie Twaronse Tunyotewe.Ntaco Twovuga Kubijanye N’umushikiranganji W’ukwivuna Abansi Kuko Nawe Ntaragira Ico Ashikirije Abenegihugu,ngirongo Vyoba Vyabaye Atari Mugihu.Murakoze

  • Merci Dieu pour avoir sauver le Burundi. Comme je l’ai annonce avant, Je suis totalement contre qui que se soit sera un outil des force exterieur pour destabiliser le pays. On ne le dit pas mais je veux le dire. Ces gens sont manipulé par Kagame et Museveni qui veulent realiser l’empire Hima. Vous allez le decouvrir a partir des activists de ce mouvement. Pacifique, Vital, Rukindikiza, Sinduhije, et les autre. Souvenez-vous de Twagiramungu au Rwanda qui s’est vu en route apres avoir echapper la prison. Niyombare n’a rien compris, mais c’etait le plan Kagame.

    Pour Nkurunziza et se acolutes: La victoire d’aujourd’huit ne vous donne pas force de faire contre la loi. Ne donnez pas a ces gens aucun pretext pour pouvoir fair ce qu’ils veulent. Je suis categoriquement contre le 3eme mandat de Pierre Nkurunziza. Il ya dans le parti des home riche et fort en politique. Donnez-les la chance et soutenez-les. Continuez a faire le bras de fair pour ce 3eme mandat c’est multipliez votre pieges, et de surcroit deshonorez le peuple et l’arme qui a compris l’enjeu. Il seront dans les batails de tous le jours.
    Bonne comprehension.

  • Umudari wumwakaka kuri Gnl mjor et chef d’etat mjor w’ingabo zigihugu mr Prime Niyongabo.

  • gode fois nafatwe akubitwe inkoni numuntu wese mumugumya banga prime naganze ingabo aduzwe amapete bamugire marishare vyanka vyakunda nitwari murugamba

  • ninde utazi ko akiri itanzaniya ngo yaraje uhhhhuuuu ukuri kurazwi byose birazwi na comedie y coup d etat muratangaje cyane

  • Ntakitazoshoboka nukarumurozi twabarundi ntawetugishaka wamuvugiziw?mudutware nabi ariko imana
    izobabaza.murabeho.

  • Bw. Willy Nyamitwe,
    Ofisi ya Rais,
    Jamhuri ya Burundi

    Salaam,

    Naomba kuwa na mawasiliano nawe kikazi. Nimekusikia katika vyombo mbalimbali vya habari ukizungumzia na kufafanua mambo mbalimbali ya nchi yako, ufafanuzi ambao umesaidia katika kuleta mwanga kwa wale tunaofuatilia mambo ya kisiasa katika nchi hiyo.
    Mimi ni mwandishi wa habari wa siku nyingi nchini Tanzania, kwa sasa naishi na kufanya kazi mkoani Mwanza, Tanzania.
    Ujumbe huu basi ni kukuomba uone uwezekano wa kuwa na mazungumzo (bila shaka ya ana kwa ana) nami.

    Nduguyo,

    Faustine Rwambali,
    Mwandishi wa Habari
    Sahara Media Group Ltd,
    Mwanza
    Tanzania

  • None niyombori ndarafatwa cankentarafatwa? canke uburundimuboba buzntebabubamwo umutekanontangere!hokogwa ikikugira umutekano uboneke

  • Ahubwo Biteye Isoni Kubona Abantu Bagandagurwa Bazira Ivya Politique.Aho Umuntu Asigaye Ahirwa Buhongo Ayo Maraso Muzoyabazwa.

  • basha peter numugabo ahubwo nakomer kwivora kuk yadukuy habi .uwumwanka aze amutsitareko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.