Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yaciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Yaciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose

Yaciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose

mardi 18 Ruheshi 2013

Mu mpera z’indwi twaraye dusozereye, mu ntara ya Kayanza, sentare nkuru muri iyo ntara, irongowe na Prime Mbarubukeye yaraciriye urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, Eugénie Mbabarempore yagiriwe n’icaha co kugandagura inabukwe wiwe.

Eugénie Mbabarempore akaba aturuka ku musozi Gahisi, komine Butaganzwa, intara ya Kayanza. Yagiriwe n’icaha co kugandagura avyishakiye inabukwe wiwe akoresheje ubuhiri, hakaba hari ku musi wa kane igenekerezo rya 13 Ruheshi 2013. Abo bakenyezi uko ari babiri bakaba bari bamaze umwanya utari muto babana bo nyene, inyuma yo guhebwa n’abagabo b’abo bompi.

Mukaba mwomenya ko umusi uwo mukenyezi yakwa ubuzima, bari mu matati mu muryango, ari naho Eugénie Mbabarempore yaca arengera kuri inabukwe akamukubita ubuhiri.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.