Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yahoo yashize umukono ku masezerano yo gukorana na Google - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Yahoo yashize umukono ku masezerano yo gukorana na Google

Yahoo yashize umukono ku masezerano yo gukorana na Google

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Umuhora ngurukana bumenyi Yahoo waramenyesheje kuri uno wa gatatu yigenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2013, ko wagiraniye amasezerano na Google kubijanye n’amahayanishwa aca kuri uyo muhora.

Yahoo igira iti : « Duheruka gushira umukono ku masezerano mpuzamakungu twagiranye na Google kugirango dushobore gucisha amahayanishwa atandukanye dukoresheje imirongo AdSence na AdMob ya Google ». Ivyo Yahoo ikaba yabitangaje iciye kuri blog yayo.

Muri ico gikorwa, Yahoo ikaba ivuga ko izokora ku ma hayanishwa yerekeye ico uwukoresha uwo muhora aba ariko agerageza gushira ahabona bivanye n’inyungu ziwe canke n’ivyo yipfuza gushikako.

JPEG - 17.1 ko

Google nayo igira iti :« Turiteze n’igishika cinshi gukorana n’abanywanyi bacu mu mahayanishwa, y’ivyipfuzo, imigambi n’ ibindi kugirango tumenye ko amahayanishwa aca ku muhora wacu ashimisha abakoresha uyu muhora, uko bavyipfuza kandi ku mwanya mwiza ».

Nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi wa Google, ngo bakorana n’abahayanisha ivyabo batari bake kandi bakabafasha kudandaza amahayanishwa yabo, ngo baranezerewe cane no kwongerako Yahoo .


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.