Accueil > Amakuru > Poritike > Yakobo Bigirimana yatowe kurongora umugambwe FNL
Yakobo Bigirimana yatowe kurongora umugambwe FNL
dimanche 20 Gitugutu 2013
Mu matora y’umukuru w’umugambwe FNL yatunganijwe kuri uyu w’Imana, Yakobo Bigirimana yahora ari umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe niwe yatahukanye intsinzi y’amajwi 76,6, mu gihe uwari umukuru w’umugambwe Manweli Miburo bahiganwa yabaye uwa kabiri ku majwi 17, aca aba umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe.
Muri ayo matora yari yitabwe n’abaserukira intara zose z’igihugu, vyari bitegekanijwe ko atangura igihe c’isaha z’ine z’igitondo, yatevye rwose, aja gutangura hafi igihe c’isaha indwi, mu gihe bavuga ko habanje ukutumvikana hagati ya Miburo na Bigirimana ku bijanye n’ukwo amatora yogenda. Amakuru yabandanya adushikira, yavuga ko hategerezwa kuba amatora y’uburongozi bw’umugambwe, hakaba n’ayandi y’umunyamabanga w’umugambwe, ivyoba vyari bishigikiwe na Miburo, bikarwanywa na Bigirimana. Ikindi ni ukwo Bigirimana Yakobo yariko akora ukwo ashoboye kugira ico kibanza c’ukurongora umugambwe ntikimuce mu myanya y’intoke, ndetse ivyo yarashashaye cane.
Muri iryo koraniro ryari ryateguwe n’umugambwe FNL, Yakobo Bigirimana yanasavye abamenyeshamakuru ko batohirahira ngo basubire kuvuga FNL ishami rya Rwasa canke iry’uwundi, mu gihe yariko yiyamiriza abazohava bavuga FNL irongowe na Yakobo Bigirimana. Ariko n’aho biri ukwo, abanamarimwe ba FNL bo vyibonekeje ko bataribagira Rwasa Agaton, kuko no mu dukino, wasanga tumwe harimwo umu FNL wo kwa Miburo (ataratsindwa) n’uwundi yavuga ko ari uwo kwa Rwasa. Ikindi twobamenyesha ni ukwo muri utwo dukino, bashiramwo amajambo yo gutyoza Agaton Rwasa yahoze arongoye uwo mugambwe, ndetse yanawuserukiye mu matora yo mu mwaka w’2010.
Amaze gutsinda, Yakobo Bigirimana yashimiye abamutoye, arashimira uwo yise umuhumure, inararibonye mu mugambwe. Ijambo rikomeye yavuze akaba ari ukwo agiye gushira hamwe udushami twose tuva kuri FNL, ariko iryo kwa Rwasa, akaba adashaka kuryumva mu matwi yiwe, ndetse akaba yanaryiyamiriza mu bibazo vyose yabajijwe n’abamenyeshamakuru harimwo iryo zina.
Twobamenyesha kandi y’uko muri iryo koraniro atabaserukira ibihugu vyabo bari bavyitavye, kandi bikaba bivurwa ko bari batumiwe, ariko bataje, ndetse hari n’ibibanza bari babikiwe, ari navyo vyahavuye biba ivy’abamenyeshamakuru bari aho. Mu migambwe, hari uwaserukiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD gusa.
Aristide Nizigire
Messages
20 Gitugutu 2013, 15:04, par Coldman’Zi
Ewe Bigirimana Yakobo!! Ubwo urakenyeye wifatire abarundi ko ari we ugiye mu kibanza ca Nyakwigira Gahutu Remy? Ubwo nti ubona ko ari ibara ryo ku mutemere wambitse umuntu wese yabaye n’uwucitwa UMUNAMARIMWE? Iyo nama y’igihutihuti watumye ko, ku bwawe, wibaza ko ar’iyo kuvavanura no kwigiza kure Rwasa canke gutesha agaciro PALIPEHUTU-FNL, kuber’amaronko mwita FNL? Wibajije neza, basavye abanamarimwe/abarundi bagirire ikigongwe,
ubona boshima nde? Wewe/Miburo canke Habimana Pasteur/Kenese J.? Je nibaza ko vyari kukubera neza ukinjuye canke ukaja winumira kugir’aba nye Kanyosha bibagire na gatoyi amabi wagiye ubakorera uri chef w’iyo zone.
21 Gitugutu 2013, 07:16, par bagumya
iyo hapfuma haguma Miburo nayo uwo we ntakigenda ,nta vya jake kabisa ,Rwasa yabaciyemwo kuko Miburo agiye gusubira kwiyunga na Rwasa
21 Gitugutu 2013, 07:36, par mani
Jacques uri umuhemu bandanya tuzoraba aho uzoshika.Kuki muburundi hari abantu mutabona kure?Birababaje ikibabaje n’uko abarundi bazohava bihitiramwo ivyakera kubera mwahemutse.
22 Gitugutu 2013, 14:46, par Given
Ntibitangaje none mwibazako harico yakobo azokora!!yananiwe gutunganiriza abanyakanyosha azoshobora gutunganiriza abarundi bosez.ayo tuyita amaronko ahubwo simbona igituma ubutungane butarakurengutsaz.