Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi yakubiswe mu mutwe ari mu rukino aca arapfa
Umukinyi yakubiswe mu mutwe ari mu rukino aca arapfa
lundi 21 Ndamukiza 2014
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Afrika riri mu kigandaro inyuma yaho umunyezamu Sylvain Azougoui wo mu gihugu ca Togo apfiriye ari mu kibuga. Yasize atsinze.
Urukino rwabaye ku munsi w’Imana w’igenekerezo rya 20 Ndamukiza, rwariko ruhuza umurwi wa CMS (umurwi wa Togo wo mu cicaro ca mbere) n’umurwi wa Bongoville muri Gabon. Urukino rwaheze nabi kuko umukinyi Sylvain Azougoui yaciye ahasiga ubuzima. Uwo munyezamu yakubitswe mu mutwe n’umukinyi w’umusatirizi Sanogo wa Bongoville. Sanogo yaciye asohorwa mu kibuga, Sylvain nawe atwarwa kwa muganga ku bitaro vy’i Bongoville aho yaciye yitaba Imana.
Mwomenya ko Sylvain yapfuye asize umurwi wiwe utsinze Bongoville ibitsindo 2 kuri 1 (2-1).
- Sylvain yambaye umwambaro utukura
Chérif Nkeshimana
Messages
21 Ndamukiza 2014, 20:02, par Nwari
Birababaje kuko nuwo mukinyi womuri gabo ntiyipfuza ku mwica nibaza ko arivyago bishika kubera ishavu .iyoba yari nkurunziza yamukubise vyarikuvikana ko yabigize abishaka
21 Ndamukiza 2014, 21:22, par Nkundabantu
Inkuribabaje Imana imwakire
imuhiruhuka ridashira