IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Yarengukanye amasanamu y’urwaruka rw’Uburundi rwapfiriye i Kongo

Yarengukanye amasanamu y’urwaruka rw’Uburundi rwapfiriye i Kongo

lundi 12 Rusama 2014

Amasanamu yerekana urwaruka rw’Uburundi bivugwa ko ruriko ruragira imyimenyerezo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, niyo Petero Karaveri Mbonimpa yagiye yibangikanije mu giporisi c’inyamiramabi.

Kuva igihe c’isaha zine n’iminota icumi n’itanu ariko arabazwa, Petero Karaveri Mbonimpa, akaba yagiye gusohoka igihe c’isaha y’umunani ibura. Mu bibazo yagiye abazwa ahanini, akaba ari ibijanye n’ugushaka guteranya Uburundi n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ku majambo avugwa ko hari imisore y’abarundi iriko ikorera imyimenyerezo ya gisirikare muri ico gihugu, aho ndetse hari n’amafoto ya bamwe muri iyo misore biboneka yagandaguwe, hamwe n’ayandi masanamu bikaboneka iyo misore iri mu myimenyerezo ya gisirikare, mu gihe hari n’iyindi misore yazanywe ahasanzwe hakorera APRODH, ihamara gatatu aho yari ije iva muri ico gihugu ca Kongo.

Umukuru w’iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH asaba ko uwitwa Kazungu asanzwe akorere urwego rw’igendereza mu Burundi, yobazwa igituma yagirizwa kuba ariwe ajana iyo misore muri ico gihugu, aho amasanamu amwe yafashwe y’iyo misore iteye ubwoba, uravye abapfiriye ku rubuga, kandi bambaye impuzu za gisirikare. Mukamenya ko uwo Kazungu, vyavuzwe cane ko yagiye incuro nyinshi muri ico gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

JPEG - 171.4 ko
Imwe mu masanamu yerekanywe na Petero Karaveri Mbonimpa

Aristide Nizigire

Messages

  • BIRATEYE UBWOBA MUTUBWIRE AMAZINA YABA BANTU NAHO BAVUKA MUZOBA MUKOZE CANE MUTAYAZI NAHO MUMUBAZE AYATUBWIRE KUGIRANGO ABABUZE ABABO BABAHAMBANE ITEKA.

  • Uyumugabo Mukurikirane,avuge,ukuntu,yarose,ayomasanamu,kuko Biteye Ubwoba Ngirango Murashaka Kotudataha,mugihugu Cacu.

  • Aha rero yabeshe aya iyi foto jewe ndayizi guhera mu mwaka uheze kuri M23 mukaba munashaka ndabereka aho muyisanga muramurya akara uwayimuhaye yaramubeshe

  • Asha nimurindire bazobabwiraamazina nahobavuka none mwibazako hatazwi!wew uvugako bomufata ntibitangaje kuba wobivuga nuko utaramenya ukuri.

  • None Mbonimpa ntiyoshira ahabona vyose hama leta turabe ico yireguza.Amazina yabo bapfuye niyo bavuka hanyuma ikinyoma gikubitirwe ahashashe kuko nkubu hari abibaza ko ababo bari bujumbura canke ahandi kumbe barapfuye navyo nabivuge baganduke.

  • yaaaaa MS Muco ngiye nabona ico utinye yamajambo wirirwa urandika mwena mama mwigira ibikoko ubu ubonye ifoto yabapfuye baba DD ,wuruziko baryamwica atarabantu nkabandi???? Haaaaaaaa amazina nayo ngenda uyababaze umukuru wibonerakure

  • yaaaaa MS Muco ngiye nabona ico utinye yamajambo wirirwa urandika mwena mama mwigira ibikoko ubu ubonye ifoto yabapfuye baba DD ,wuruziko baryamwica atarabantu nkabandi???? Haaaaaaaa amazina nayo ngenda uyababaze umukuru wibonerakure

  • yaaaaa MS Muco ngiye nabona ico utinye yamajambo wirirwa urandika mwena mama mwigira ibikoko ubu ubonye ifoto yabapfuye baba DD ,wuruziko baryamwica atarabantu nkabandi???? Haaaaaaaa amazina nayo ngenda uyababaze umukuru wibonerakure

  • Hariho natwe abotuzi hari uwitwa Nestor yahawe grade ya capitaine na Claver nimureke turazinanye.

  • mbonimpa ntabeshe abo bari abarwanyi ba M23 bagandaguwe na FARDC i bunagana.ayo maphoto yaciye kurubuga mu mwaka uheze.kurikirane ivya M23 muhita mubona ko mbonimpa ari umubeshi sugu.

  • uwo mugabo afatwe ahanwe vyakarorero kuko ayamasanamu yayafashe mu 2013 igihe monisico yahagurukira m23 aboyerekanye ni abanyarwanda baguye ahitwa kanyarucinya,rucuro nahandi urworudandazwa rwiwe mumubwire uti ntirushoboka

  • Haaaaa ibara ryaraguye,basha singitashe,kumbe nabicanyi ukokose?none nkurwo rwaruka ruziziki?

  • Abavuga ko abatutsi bavukana imbuto ntiyabesha kabisa. Jewe sinshobora kumva ukungene ata nimyaka icumi iheza abahutu bavuye mu bucoloni mukaba mumaze kubona ivyitso vyabahutu vyogukoresha. Mumbarize ico kijuju P Mbonimpa, yibazako igihugu ni categwa kizogwanigwa na basirikare gusa. Aribesha cane kizogwanirwa nabagikunda bose

  • Mbega wamuntu yiyita mama ko ntarabona iciyunviro ciwe yagiye be numugenzi wiwe muco bashigikira ibinzunguzungu;;asha nugusengera abantu dufitiye imirya mugihugu cuburundi

  • nwari ntubone navuze gutyo ngo uce wibaza ko ndabishigikiye ndazi neza ko abo atari abarundi nuwomwambaro bambaye urabaranga andika ngaha amazina yabo naho baturuka

  • Ahubwo ngiye nabona ko Claver yihenze ayo mafoto nayafashwe igihe ingabo za CONGO zatuza M23 none M23 nabarundi reka bsha kuza muricafuza Claver wewe nahora ndakwemera nkumuntu wumushingantahe none nawe washje utanguye guhendwa uta intumbero izo Foto murabe kubimenyesha makuru kuri internet bivuga ivya M23 mubisangako. Kandi ikindi nagomba ndagusabe mutama reka kwita mubiraba umutekano CONGO nuburundi bazokwimenyanira uwutagomba kujayo ntawe batwara kunguvu babatwara arukugwanira inyungu z UBURUNDI nanje bazoze bantore UBURUNDI nigihugu gitegerezwa gucungererwa mumihingo yose

  • Mbe bamwe biyita ba mama bavuga ibitaza ntibize barihe kowa gerranya iyintwaro ya peter kwa ri nka Yobu yobu yarigeze yicabantu?wwe uzewitonda ntamusi ibara risiba kurwa mugihugu amantu baganda gurwa bunya maswa atacamira icobonye nuko batagifashe numuheto barya babahaye nibobazobaka

  • Ukuri ni ukwoja ahabona ata rementanya uwari we wese yitwajije. Bisubiriye, mbona ko izi nkuru n’aya masanamu y’abantu bishwe ataho bitaniye n’ivyagiye bitangwa bigashikirizwa ku munsi na FPR de Paul Kagame itangura guter’u Rwanda sur Havyarimana gushike Communaute International na ONU zibomorere igihugu. Ivyakurikye n’ubu bikiriko, nta murundi w’umutima abiyobewe. Atari uko, Pierre Claver Mbonimpa akwiye gutanga amazina n’ukuntu yaronse ayo mafoto n’izo nkuru.

  • iyimihimbiri yabicanyi iriko iranfika .Ivuga ngonatange amazina??ahobaturuka??ifoto siyo??etc mwibaza ko tutuva ico mushaka kuvuga ???%@ngenda mubibaze umukuru wibonerakure ,umukuru wa DD umukuru wigi police ,umukuru wiguhugu niwe ajejwe igihugu si claver mwatoye mumatora kugira akingire igihugu na barundi reka rero kutumena imimtwe [mushingantahe mama wagiyehe uyu musi hari ifoto ikirindiriye udusobanurire bagezibawe vyase ko basobanura

  • @Kami kazi,ubonajewe ndumuntu woguhendwa ahongereye bigeziyo!? Ego ntawudahendwa ariko kuriyi foto yoyo iwanje ntibikunda ndakwankiye. Rekandakwibarize utubanzo nkadutatu, Mbega kwiyomivyimba nigiki cakubwiye kwarabarundi? mbega kwiyo mivyimba nigiki cakweretse ko arurwaruka rwa CNDD FDD? Mbega mwombarira amazina yiryamivyimba mwerekanye nintara nama komine nimitumba baribavuyeko? Ivyonokubaza nivyishi ariko rindira turiko turakora iyobwabaye kugira tubereke komwihenze mukuzobereka ayi foto iyoyazananye radio canke ikinyamakuru cigeze kuyerekana bitavugako arabarundi bishwe, mberubu azayamaze kuboneka bere hariko ninsiguro ninkomoko yatumye baryabantu bagandagurwa kandi iconokubwira sabarundi kandi nababishe sabarundi, kandinabahejeje kuyiturosa sabarundi, gusa uwomu zeehe Pierre Claver abayimuhaye baramuhenze gose!.

  • None muta tomora baja kugwana? Canke baja kwiga igisoda ? Bapfuyegutekumengonibeshi? Turasavye umuco ntituratomokegwa kobishwe nakazungu canke intambara

  • Hahahahahaa urunva ca kijuju ngo niwe mama ngo nibavuge amazina ama comune nama province bavamwo be mwemera mwambura mitima mwe za DD ukuri kuvyo mukora vyose kugiye kumenyekana hanyuma mutama CLaver niwirambire kukazi kawe ukora komera kwibanga

  • ewe mbonimpa wararushe urashobora guhendwa nabantu batuye ahantu hangana ubuso28628 wowe utuye ahangana na28630 ndaguhanure abagutumye ubabwire uti mwarampenze hame uce usaba ikigongwe abarundi nu burundi tuzokiguha kuko turi abavyeyi

  • mbega mbonimpa yabafotoje satellite? mugabo ntiyarakwiye kwenyuza yemanga ngo ni abarundi kweri. Il est malheureu ce vieu. je l’attend au tournant

  • mbega mbonimpa yabafotoje satellite? mugabo ntiyarakwiye kwenyuza yemanga ngo ni abarundi kweri. Il est malheureu ce vieu. je l’attend au tournant

  • uyomuhimbiri mbonimpa yahenzwe icakwiyekumenya abarundi ntitukihendwa ayomafoto twayabonye kuva kumwakauheze kunkuruzam23 nahende ibijuju

  • Ngo namasanamuya M23,ngobavugamazina,burya aba dd murinubwenge nubwengebuke,harya ivyomukora vyose mwibaza ko abomwitw aba dd bose ko ari aba dd 100%.ivyobirakwiye mutama Claver yavuze kandi yerekanyeibisigaye genda mubaze peter,numukuru wimbonerahafi,kazungu,adolph nabandi

  • Mbega ibinyoma. Uyu mugabo yataye umutwe!!! Ayo mafoto ni ay’ingabo z’urwanda zapfiriye Congo mugihe M23 YAKUBITWAGA.. NA UNIFORME MURABONA KO ARI IY’INKOTANYI!! NDAKEKA KO UYU MUNYAMAKURU ARI GUHIMBA INKURU KUKO IKI KINYAMAKURU GIKORANA NA LETA YA KAGAME. BIRAGARAGARA KO ARIYO YAMUHAYE AYA MAFOTO. BARUNDI MUBE MASO

  • Nikoye uwo mutama nabamutu nibicyucyu ababababa!!!!!!

  • ahubwo nsaze Mutama nabamushigikiye mukwiye kujanwa kwaru janti!!!!urashobora gufata amayiti ya m23 ukavugango nabarundi??? ntanisoni!!! gusa ndagushimiye kutwereka ayo maiti kuko nabo nibiremwa imiryango yabo yihangane.Hama ndamutumye Mutama mbontimpa ugendera nibindi biziga biri muntara yabubanza ahitwa mumugoma muruzi rwitwa nyakadawe;vyishwe na col ne geri navyo ufotore amagufa Hama twese tuvyunve kumwe!mbega bica ndadaye ntiwari bwakure kuburyo wabuze icuvuga??

  • aba dd bariko barahinyuka igira umuntu yabuzemurirurya gwaruka. Gwapfiriye muri congo canke uwahapfakariye wibaza.Ko boba bagitora cndd fdd harya baratakaje amazwi menshi cane abamugaye bobo ngira bagiye kureka guhendwa nabantu bari kurushibiba igihugubongera Bica abansekubakurikira reka turindire 2015 mbonimpa nawe akomere ntaze ahendwe nizonyanka burundi ziri kurushi!!! murakoje

  • Kura ivyo binunga ngaho. Ayo makafiri yaba DD
    yabaye ibinywamaraso. Yaja guhiga ABA FNL Muri Congo ashaka iki. Niba bashaka gusiramugwa nibarindire gato.

  • Nimba muzi gutandukanya abapfu aba bana b,Imana ntibishwe namasasu oya,bishwe bakubiswe soit ubuhiri soit ifuni. Mujye mwibuka ko twese twaremwe mwishusho y,Imana kureba ibi ntawe byanezerezantanuwabyifuriza undi dukundane twese kuberako twese twambaye umubiri ubabara iyo ugiriwe nabi ese ubundi ko ntawuzarenza imyaka 100 tuba twiteranyiriza iki n,Imana ? Il faut réfléchir avant d,agir

  • ikimbabaje nuko abo bose bandits bavuga ko irya ari m23 biboneka ko ari inyandiko yumuntu umwe kuki wivugisha ikinyarwanda?vuga utuze nkumurundi.arko ico mukwiy kumeny muzobona komurumwe musigaye muri igice murets kumena amaraso ntitwokwirira nutwo duke tukiryamira kare?mbabazwa nuwukubeshera ngowarikukiye burund.umuzungu yaragiye umurabur nawe ati nari naranyazwe arko mushaka mwobivamw ntaco muzunguka atari umuruho nu muvumo.

  • raba uyumugabo ahantu yakuye ayamafoto vyukuri abarundi basigaye bose bagwaye mumutwe http://wandimoyi.wordpress.com/2008/10/13/lapr-presente-en-rdc/#respond nukuri turakwiye kwisubirako kugira ibintu nkibi ushaje ni akambaro kibara.

  • Ntimupfe ubusa!Nimba yarabeshe bizogaragara!Akaba atabeshe naho nyene bizogaragara!Igihe c’intambara bavuga ngo hapfuye umusoda umwe ariko Imiryango ikabona baza kuyitora ija guhamba!Umwana naho yoba gito apfuye urababara!Abavyeyi boba barabuze mureke kubakora mu nkovu

  • JEWE NDABABWIJE UKURI KO UWO MUTAMA, AGIRA ARANGIZE NABI. KO YI HAYE KWAMBIKA ICEYI IGIHUGU NABAKIBAMWO NZOBA MBONA. CLAVER DOSSIER ABEL NSHIMIRIMANA, UTAYISHIZE AHABONA WEREKANE BARYA BANYESHURI WAVUZE KO BISHWE BACIWE AMAGARA, BAKABACA AMAZOSI HAKANYOBWA AMARASO YABO, ARIKO KUGEZA IYISAHA UKABA UTAREREKANA IMVA ZABO SHAAAAAA NDAKURAHIYE IVYAWE BIGIYE KUJA KUMUGARAGARO.

  • BARUNDI BARUNDIKAZI NDUMIWE KUBONA CLAVER UMUNTU TWAHORA TWEMERA YUBAHUKA GUKURA AMAFOTO YUBWICANYI BWO MURI CONGO AKABWEGEKA KUBURUNDI NDAJOREWE.

  • Ndindiriye kumva reactions zabo bakorana nawe :ba Pacifik,Vital,......
    Uramvye azobona,iremenkanya ryabatama ni hatari

  • Uwo mutama ararengeje, niyihangane arondere neza amaronko yiwe atarinze gucanishamwo abene gihugu. Mbega arya mazu yose afise nuko ari amahera yakoreye? Ayo masanamu nayo twayabonye kuva 2008 sinzi rero ko izombonerakure zatanguye kujayo iyo myaka yose? None izo tenu bambaye kwarizinkotanyi vyahindutse ryari abarundi babinkotanyi? Barundi muragabe Kagame, Museveni na Kabira ntibicaye.

  • mutama MBONIMPA nukumuraba abagiraneza bamutware kwa ROJANTI.

  • quand meme . il ne faut pas mentir jusqu’a ce niveau pour detruire notre pays . Ces images sont des mensonges . Au moins que c’est Mbonimpa lui meme qui les a tue afin de prendre les photo.

  • Ariko abobagabo biyita ngo ntibaharanira ivyicaro vya politike ,barafise ubwenge canke bacanganyikiwe? muraba namaso abona,abo n’IMBONERAKURE vyukuri? izo tenue niz’igihugu ikihe?nibave inyuma ya societe civile bambare umutamana wa politique boye guhuma amaso amakungu!!! barundi barundikazi bumutima murabe maso!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.