Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yaronkejwe itike ryo kuja muri Bresil atarahonyoza ibirenge i (...)
Yaronkejwe itike ryo kuja muri Bresil atarahonyoza ibirenge i Kigali
lundi 31 Ntwarante 2014
Mu giteramo categuwe n’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ryo mu gihugu c’Urwanda Airtel mu gisata co guhanahana amahera (Airtel Money) kijejwe kumenyekanisha ibikorwa vy’iryo shirahamwe, umwigeme yitwa Mukarurema Vestine yatomboye itike ryo kuzoja mu gihugu ca Brésil kuraba inkino z’isi yose.
Mukarurema Vestine afise imyaka 22 avuka i Kinigi, mu karere ka Musanze, uwo rero yari yitavye ibikorwa vyari vyabaye kw’igenekerezo rya 19 Ntwarante 2014. Ivyo bikorwa vyabera mu gihugu c’Urwanda mu karere ka Burera, Vestine rero aca agirirwa amahirwe yo gutsindira itike ryo kuja mu gihugu ca Brésil kuraba inkino z’isi yose zizotangura muri Ruheshi. Ayo mahirwe yayahawe n’ugukoresha cane Airtel.
Amakuru duhabwa n’umumenyeshamakuru w’insamirizi Umuco FM amenyesha ko umunezero Vestine afise urenze, abona nk’indoto kuko uwo mwigeme yoba atari bwashike n’i Kigali akaba ata mashuri menshi afise kuko yize gushika mu mwaka wa 3 gusa. Aravye n’ubukene umuryango wiwe ufise ntiyibaza ko yoshobora kwurira indege aja mu gihugu nka Bresil. Eka n’umuryango wiwe ntutahura neza ivyashikiye umukobwa wabo.
Mu gihe umuryango wiwe washakako iryo tike borivunjamwo amahera, Theoneste Nsangano ajejwe ibikorwa vya Airtel Money ababwira ko bidakunda kuko uwutsindiye ako gashimwe abwirizwa kwishikira aho muri Brésil.
Mukarurema Vestine azomara iminsi 4 ariko yirabira inkino z’imirwi ihiganirwa igikombe c’isi yibereye aho muri Brésil. Urwo rugendo nta faranga na rimwe azokoresha rivuye mu mufuko iwe.
Ayo makuru arangiza amenyesha ko ivyo vyakozwe mu ntumbero yo kumenyekanisha umugambi mushasha wa Aitel witwa "Gana Bresil" bisigura "Genda muri Bresil", biciye mu buryo bwo guhanahana amahera.
Chérif Nkeshimana
Messages
31 Ntwarante 2014, 13:56, par Nkundabantu
Uyo muturage!!!bari gutuma bamuha namake muyo bazomukoreshereza muri bresil kuko uko ndamuboba nivyo vyumupira ntaco azobibomwo yaba ari nintambo nya rwanda basi.Aitel nayo ntiyivigije iyiciye umurya.
31 Ntwarante 2014, 19:02, par dunia.jumbe
ahubwowewuvugangontakwiye.kuja.ahomubresilsindakumva.ayomahigweyagizekuberikiutayagizewewe.jewendakwimpfurijeurugendorwizamukobwa.imanayariyarabikwandsikiyekuzoja.ahomuri.bresil.
1er Ndamukiza 2014, 06:31, par Kabizi
Bazomuronderere uwumwereka uko bakoresha utuzu twa sugumwe nayo ubundibwoo azagira bituma mu masahani
27 Ndamukiza 2014, 23:32, par fuso fidele
ndamukeje.agende ahoro agaruke ayandi