Accueil > Kwidagadura > Yasmin Eleby yabuze uwo bubakana ahitamwo kwigirana ubukwe
Yasmin Eleby yabuze uwo bubakana ahitamwo kwigirana ubukwe
mardi 10 Ruhuhuma 2015, par
Kubera kubura uwo bubakana umunyamerikakazi yahisemwo kwiyubakana ico bita mu rurimi rw’igifaransa "Sologamie". Uwo mwigeme w’umunyamerikakazi amaze kubona ko abuze uwo bamarana ubuzima bagasangira ugupfa n’ugukira, amaze kwihebura yahisemwo kwirongora wenyene ubwiwe.
- Yasmin Eleby ku bukwe bwiwe
Yasmin Eleby ,umwigeme w’imyaka 40, yarabonye ko bitagikunze ko abandanya ari inkumi, ubunyakamwe bwari bwamurembeje nikwo gufata ingingo yo kwikorana ubukwe wenyene. Ivyo rero abaryango biwe ngo ntivyabatangaje na gato kuko kuva mu kwezi kwa Gitugutu umwaka urangiye, hari ishirahamwe ry’abayapani ryari ryasavye ko abasore n’inkumi zivyipfuza zishobora kwikorana ubukwe ico bita "Se marier en solo"
Kubatabizi rero ico bita ‘’Sologamie’’ aho mu bihugu vyo hanze birabaho, ngo ni guha akaryo abigeme n’imisore itaronse amahirwe yo kuronka uwo bubakana, ko gushobora nabo kuba mu birori vy’ubukwe bwabo bakanezerwa, bagahimbarwa.
Uwo mwigeme igihe yagira isabukuru ry’imyaka mirongo itatu n’umunani amaze avutse, yari yigiranye isezerano agira ati, niho nashikana imyaka 40 ntararonka uwo twubakana nzoca nikorana ubukwe jewe nyene.
Yasmin Eleby akaba yashikije isezerano. Ku myaka mirongo ine yaciye atunganya ibirori ahitwa musée de la culture afro-américaine n’abagenzi biwe n’incuti. Uwo mwigeme rero akaba ari umuvyeyi wiwe yamushikanye kw’i Arutari imbere y’uko yemera kwagiye kwibana ubuzima bwiwe bwose nka kurya bagira ku bantu babiri basezerana imbere y’abaserukira Imana. N’ubwo rero abatari bake bashobora kwumva umenga ntibibaho ,amakuru ava mu muryango w’uwo mwigeme amenyesha ko uwo mwigeme yashoboye kuronka ubutumwa bwinshi cane bumushigikira bwongera bumutera intege.
Floxella Karire
Messages
10 Ruhuhuma 2015, 19:01, par Ikijuju
ivyo vyigeme vyose ni binini, hemwe ntanuwobinywerako amazi.
11 Ruhuhuma 2015, 11:35, par desy
ntaco Bibliya le ’’Livre’’ pas comme les autres ivuga kuvyo kwiyubakana. seulement ukw’isi ihera niko tuzobona vyinshi kdi tuzumva vyinshi.
bref,ivyo uwomwigeme yagize yabigize kugatwe kiwe sinon,NTIVYEMEWE.
12 Ruhuhuma 2015, 18:45, par NTAKIRUTINANA!
Ivyo Yesu yagiye ati "Hazoba utwumiza...."
12 Ruhuhuma 2015, 21:32, par Barumwete
Uwo mwigeme muzomumbaririre ndamurongore. Mbega arafise cash? Ngondamukureko iceyi! Kuvyibuha nakwo erega sinkaha mu Burundi abantu bicwa n’inzara barafise ivyo bafungura
10 Ndamukiza 2016, 16:16, par 79725589
Eric Niyonzima
15 Ndamukiza 2016, 08:58, par CHRISTOPHE
uwomukobwayokwiberaumubira
3 Gitugutu 2017, 23:04, par Désiré
sha Uwo Mukobwa Ntaco Nomuvugako,kuko Yabuze Uwo Bubakana Kandi Nanje Naramubuz.Yoje Tukibanir?