Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yataye ibiro birenga 40 kugira aze avyarire mu mazi
Yataye ibiro birenga 40 kugira aze avyarire mu mazi
samedi 3 Nzero 2015
Umunya Ecossaiya w’imyaka 25 y’amavuka ku biro 108 yarafise, yataye ibiro birenga mirongo ine na bine mu mezi cumi n’abiri gusa, kugira bikunde ko avyarira mu mazi.
Inyuma yaho abaganga bamubwiriye ko icipfuzo ciwe co kuvyarira mu mazi kitazokunda kubera ubunini burengeje afise, yaciye yigira umugambi wo guta ibiro uburyo bwose bishoboka. Rachel Reid aturuka mu gihugu ca Ecossaie, mu gihe yari yibungenze umwana wiwe wa kabiri, yagiye yumva abaforoma bamubwiye ko bitazokunda ko avyarira mu mazi kubera ubunini burengeje afise. Ku bw’abo baforoma, Rachel Reid yarafise ibiro birengeje vyari gutuma badashobora no kumukura mu mazi agahava anaherayo inyuma yo kwibungenga.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru co mu gihugu aturukamwo, Rachel Reid yavuze ati : « Nari numva ntakicikunda, numva ntakiri mwiza, nkibona nsa n’umwana aguma yifungurira atakindi akora. Naramaramaye, mbura naho nkwigwa inyuma yaho bambwiriye ko mfise ibiro 40 birenga kuvyo nategerezwa kugira bituma batonshobora no kunterura inyuma yo kuvyara. N’ishavu n’akantu nca ndondera uburyo bwose nogira nte ibiro mfise ».
Uwo munya Ecossaiya amaze kuvyara umukobwa wiwe Hollie, yaciye afata ingingo
abifashijwemwo n’umuryango, yo kubandanya umugambi yari yarihaye wo guta ibiro. Inyuma y’amezi atatu avyaye, yarataye n’ibindi biro bitatu, aja ku biro 57.
Mwomenya ko gushika n’ubu Reid akibandanya intumbero yihaye, akaba mbere yiteguriye no kuja mw’ihiganwa rya mbere ryo kwiruka muri marathon muri uno mwaka twatanguye w’i 2015.
Mariella Bukuru
Messages
4 Nzero 2015, 02:00, par Siraa
Arahhaze sha .......mbe aba dame baba nyafrica ko bavyara bafise ibiro nkivyo..umwana ntashika?...Igihe turagutumye udufashe utubarize Bonesha Fm mbe ama emmission MUBIVUZE KW,,IKI..NA INKURU Y,INVAHO KO TUtakibikwirikirana twebwe tubaye kure kure cane nukuvuga mumahanga na cane cane abari Australie..turasavye tubarize
4 Nzero 2015, 09:27
emwe abarundi turazi kurementanya nukuvuga nabi mwambik ibara abantu? Pacific nininahazwe ntarasa arakebura,mbe imbonerakure zarinjiye mugisikere?mubonera abasoda dufise ntibashoboye,hama bagumyabanga baba dd muze mureka kuremantaniriza abantu umenga niyo ideologie yumugambwe wanyu mufise vyarabananiy kuko ubwanyu ntabanga mufise
5 Nzero 2015, 15:35, par manirunva
Ivyobintu ntahovyakabaye mbekohari abamama bavyibushe kurenza ivyobiro nokudashitsa iyomyaka kobibaruka atakibazo bagize? Nkakarorero aba mama bomuri africa yetfo nibaninicane kandi baribaruka ntangorane bagira kotajakuvyarira mumazi uwowewe avyarira mumazi sumuntu nyamba arisamaki nizozivyarira mumazi
5 Nzero 2015, 16:41, par eddy
ivyo ntibishoboka.none ico nico cotuma avyarira mumazi?
9 Nzero 2015, 00:38, par Nduwimana Eric
Uwo mugambi yihaye nimwiza! mugabo Ubuzima butangwa n’Imana kuko ntawutegura ngo ejo nzoba ndiho nukwama twitwararika gusenga kugira Imana ituronse ivyo twipfuza!!!