Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yatowe inyuma y’imyaka 30 atawuzi irengero ryiwe
Yatowe inyuma y’imyaka 30 atawuzi irengero ryiwe
vendredi 28 Ntwarante 2014
Mu gihugu ca Maroc hatowe umwigeme yari amaze imyaka 30 atawuzi irengero ryiwe. Iyo bamutoye mu kinogo, Aisha ntagishaka kubona umuco w’izuba canke kuraba abantu. Yapfunzwe azira ibisigi.
Aicha yazimanganye ibintu bisiga ubwenge yiga muri kaminuza mu gisata c’indimi, ico gihe yari afise imyaka 30. Inyuma yo kurondera hose bakabura irengero ryiwe, yahavuye aboneka inyuma y’imyaka 30 apfungiwe mu kinogo kiri ku metero zibiri zo mu kuzimu, ku birometero 70 vy’igisagara ca Essaouira kiri mu gihugu ca Maroc.
Amakuru tubandanya dusoma mu kinyamakuru Afriquinfos, Aicha yatawe mu kinogo na musazawe avuga ko bapfa ibisigi vy’abavyeyi babo. Ariko ico citwazo nticakirwa nk’insiguro ikwiye imbere y’abaharanira agateka ka zina mu muntu.
- Aisha yamaze imyaka 30 mu kinogo
Mwomenya ko uwo muvandikmwe wa Aicha ari nawe yamutaye muri ico cobo yamazemwo imyaka 30 yahora amugaburira acishije mu gatoboro kari mu ruhome. Ubu rero Aisha ntashaka kuraba abantu canke izuba, kubera kumenyera umwijima yari amazemwo imyaka 30 muri ico kinogo.
Chérif Nkeshimana
Messages
29 Ntwarante 2014, 11:04, par john bukuru
uwo musazawe akwiye gucirigwa urubanza rumubereye jewe nibaza ko ivyo yisiguye ko atarivyo imana itubabarire
29 Ntwarante 2014, 11:19, par john bukuru
uwo musazawe akwiye gucirigwa urubanza rumubereye jewe nibaza ko ivyo yisiguye ko atarivyo imana itubabarire
30 Ntwarante 2014, 16:12, par kwizera
Imana Irarinda nta wabara imbabazi zimana!
31 Ntwarante 2014, 11:27, par anicet
uwo musazawe akwiye gufungwa imyaka nkiyonyene mukinogo akunviriza nawe ingene hameze
31 Ntwarante 2014, 14:12, par BAZOGENDA BARARWIRA
ubu rero n’umwamikazi w’inkumi??
ariko rero birababaje,asanga yamazeyo imyaka 30 atari amezi 30 canke imisi 30 !!!
emwe biragoye,burya iyi isi irakundwa ariko izovaho.
1er Ndamukiza 2014, 13:51, par Mayani
Mbeg’ubugome bwabantu dutuye kurino si!!burya turibuka yukw’isi bizoshirana nayo?