Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yaturijwe i peterori kubera ari mu bahuza ibitsina babisangiye
Yaturijwe i peterori kubera ari mu bahuza ibitsina babisangiye
vendredi 7 Ntwarante 2014
Hari umusore avuka mu gihugu c’ubuganda aherutse guturirwa gushika yitabe Imana yagirizwa kuba ari muri bamwe bahuza ibitsina babisangiye. Yafashwe ari kumwe na mugenzi we basanzwe babihuza, ariko wewe yarabasize. Bamwe mu banyagihugu bo mu Buganda babonako abahuza ibitsina babisangiye barenga ku mategeko ya reta yabo.
Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Rwanda Paparrazi, kivugako cakuye ayo makuru mu kinyamakuru Tolaire, imisore ibiri isanzwe ihuza ibitsina yariko itembera, abanyagihugu baca babirukako umwe arabasiga uwundi arafatwa. John Kelly(Izina ryiwe) amaze gufatwa yabanje gukubitwa izasigaje Yezu, niko rero gufata I peterori bayimusukako maze baramuturira k’umugaragaro. Tubandanya tubisoma kuri ca kinyamakuru nyene.
Umunyagihugu bivurwa ko yayaze n’ikinyamakuru Tolaire, avugako abo bantu baryamana basangiye ibitsina ariko haherutse baca kubiri n’itegeko ribahana, ariko ngo baranse kwumvira abategetsi babo.
Uwo John Kelly baturije I peterori bivurwako ariwe yarashinzwe gukwiza imfashanyo zava mu gihugu ca Afrika y’epfo zoguha abo abahuza ibitsina babisangiye, ayo makuru twaronse amenyeshako yaraherutse gutanga amahera atari make kuri abo bakora ivyo. Uwo rero ngo yaramaze kugabishwa kubera inyigisho zo guhuza ibitsina babisangiye yaguma akwiragiza. Amakuru dukesha ikinyamakuru Rwanda Paparrazi arangiza avugako abajejwe umutekano bo mu gihugu c’ubuganda ataco barabivugako.
Tubibutseko igihugu c’Ubuganda canse gutora itegeko ryemerera abahuza ibitsina babisangiye, ivyo bikaba vyoba vyatumye imfashanya ziva mu gihugu ca reta zunze Ubumwe z’Amerika zihagarikwa.
Chérif Nkeshimana
Messages
7 Ntwarante 2014, 15:25, par NDAYIZEYE Gérard
yeeeeeeee! ni danger.n’abana babona! birarenze.
7 Ntwarante 2014, 15:50, par Tubirabe
Nivyiza kurwanya abahuza ibitsina,muga abanyagihugu ntibarikwihanira ngo baturire umuntu abana barorera.Tuziko l,etat yabo yaryanse iryo tegeko yarikumuha igihano kidatuma abandanya abikora.
7 Ntwarante 2014, 18:00, par batama john
bamuhoye ubusa, ahohonajewe bazoze banturirekuko mpuza ibitsina n’abahungukandi ndumungu
7 Ntwarante 2014, 19:17, par Mwema.
Oya aho ni bon nabashimye kugikorwa bakoze ubona boshika ngaha muri Africa yepfo bakabanturirira
7 Ntwarante 2014, 20:21, par Vyizavyiburundi
Hasha abo badayimoni ba Desmond Tutu!!Ino muri South Tutu yaramaze kwemererwaubwo bugesera ngo ni Mofi!!Dusenge Imana ihe abarundin’uburundi kunesha ico kidayimoni cazanywe naba MASONIC na ILMUNATE ico gitamico ngo ni Batama John yita iterambereari isumu abazungu baje kudushoramwo bayikuyekwa Rusifero.Mbe John wa muyobe we kuki ubu utemeye MOFI.utaronka imfashanyo ya USA canke IBulaya? Nuko ihane ureke ivyo bibi urimwo kandi Imanaizoguha naho Tutu canke Obama yokwanka Uhoraho niwe azi ikizogutunga ncuti yanje nturinde uhemuka!!
8 Ntwarante 2014, 08:19, par Tollo
Kubita mwica izonyegera kubita mwic’ayo masatani apfe turira ivyo bicibwa vyo kwisi.
8 Ntwarante 2014, 22:30, par eddy
reka amareta yacu ahagurukire izo mbunuza,mbe mribagiye ko n’Imana ico arico caha yahoye sodoma na gomora§.
9 Ntwarante 2014, 15:11, par gaju
rwose nibyiza kumutwika kuko icyocyaha nicyo cyarimbuje sodoma na gomora! imana icyanga urunuka! uziko ariyomamvu ntabagabo tukibona! kubera izo ntezarubwa!
9 Ntwarante 2014, 18:46, par jean
ahubwo boja babagira gutyo nabandi bakabibonerako akarorero cane cane uruvyiruko abo barutura nabo bararya ntibaduheko
26 Mukakaro 2016, 19:42, par Niyimpagaritse Emmanuel
None Yari Yabuze Umukobwa Boryamana?
5 Ndamukiza 2017, 06:40, par Nkurunziza
Iyo Siyonyishu ukwica Umuntu Barikuraba Ikindi Gihana Bamuha,nayahand4 Uwamuturiye Nawene Amenyeko Icocaha Hakoze Yaciye Acikorera.Birababaje>>