IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Yegereyegere y’abunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura

Yegereyegere y’abunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura

vendredi 22 Munyonyo 2013

Umwanya ungana n’igihe c’isaha n’igice niwo abunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura bamaze batariko barakora, imvo ikaba ari umwe mu bagendesha umuduga wo mu bwoko bwa coaster yaciwe ihadabu n’abaporisi ringana amafaranga ibihumbi 50, yagirizwa kuba yahagaze mu kibanza kibujijwe kugira atore yunguruze umuntu.

Ku gituro c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, kikaba cari cuzuye abanyagihugu benshi bumiwe, babuze ukwo bataha. Muri bo hakaba harimwo abanyeshure bo mu mashure mato, ayisumbuye na za kaminuza eka n’abakozi ba Reta bariko barataha kwivuna umusase kugira bashobore kugaruka ku kazi.

Saidi Niyonkuru akaba avuga ko abagendesha amamodoka yunguruza abantu badashaka gukurikiza amategeko agenga amabarabara, ivyo bigaca bituma haba amasanganya. Uyo munyagihugu akaba ashima igikorwa caranguwe n’urwego rw’igiporisi. Saidi asaba Reta gushira ibituro ku mabarabara yose yo mu gisagara ca Bujumbura, gurtyo abagendesha imiduga yunguruza abantu n’ibintu baheze bubahirize ivyo bituro, uwutabishoboye nawe aheze ahanwe bimwe vy’akarorero.

Eka na bamwe mu banyeshure bo muri za kaminuza bari aho bakaba bashimye ko igiporisi cafashe uwo yapfuye aho ahagaze, ariko bakanegura abandi baciye bashigikira mugenzi wabo mu makosa, bakareka kubandanya akazi. Ikindi bavuga baneguye akaba ari ukwo imiduga yo mu kigo OTRACO itaciye iza gufasha kwunguruza abantu, bahagaze amasaha n’amasaha barindiriye ukwo botaha, kugira bashobore kugaruka ku mirimo yabo. Abo bose bakaba basaba igiporisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara guhagurukira n’imiduga itagira amatara n’iyindi usanga itagira intebe zikwije amategeko, aho usanga zimwe zibataburirako impuzu, izindi zikabakomeretsa.

Abaporisi benshi bari bahagaze hafi y’ikibanza benshi bita kuri ’’kiosque’’ bikaba vyagaragara ko bacungereye bidasanzwe akajagari kose kari gushobora kwaduka. Mu giporisi rero bakaba bamenyesha ko ubu bagiye guhagurukira akajagari kose gaterwa n’imiduga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, bagasaba abadereva gukurikiza amategeko y’amabarabara kuko vyagaragaye ko bateza amasanganya cane, mu gihe bari bageze n’aho bahagarara hagati mu mahwane y’amabarabara.

Abadereva b’imiduga yunguruza abantu mu gisagara bakaba ataco bashatse gushikiriza kuri iyo yegereyegere barimwo. Batumenyesheje ko baza kugira ico bashikirije bamaze kubonana n’abarongoye ishirahamwe ryabo, ATRABU.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivya bus birimwo akajagari kenshi kagoye gukura kubera akamenyero k abarundi ..Ariko police itabaye strict ntibishoboka ...ama bus agire k wisaha birashoboka abe abereye kwunguruza abntu koko ,,,ni akazi ka leta ,,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.