Accueil > Amakuru > Poritike > Yeremiya Minani amenyesha ivyo abatavuga rumwe na Reta basaba mu (...)
Yeremiya Minani amenyesha ivyo abatavuga rumwe na Reta basaba mu biganiro
samedi 18 Mukakaro 2015
Yeremiya Minani avugira umurwi Mouvement Arusha amenyesha ko abatavuga rumwe na Reta bari mu biganiro basaba ibintu bibiri nyamukuru.
Ica mbere,Yeremiya Minani avuga ko basaba ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahagarika kwitoreza ikiringo ca gatatu co kurongora igihugu avyishakiye,canke kutamwemerera ko yitoza kuko ico kiringo gihonyanga ibwirizwa nshingiro.
Yeremiya Minani avuga ko basaba kandi ishirwaho ry’icuka ciza ca politike n’umutekano vyotuma hatunganywa amatora yigenga,imbonerakure zikakwa ibirwanisho,ipfungurwa ry’abafatiwe bose mu myiyerekano hamwe n’abapfungwa ba politike.
Uwo avugira umurwi Mouvement Arusha amenyesha ko basaba kandi ihagarikwa ry’imitahe ihagarika abahamagariye abanyagihugu kuja mu myiyerekano,itahuka ry’impunzi,guhindura umurwi utegura amatora CENI na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro,n’iyugururwa ry’amaradiyo yigenga.
Yeremiya Minani amenyesha ko batazokwemera ikintu cose kitazana inyishu ziboneka kuri ivyo bintu nyamukuru bibiri basaba.
Van Naris Mugisha
Messages
18 Mukakaro 2015, 17:39, par Kariyo
Kwanka Ivyo Bintu Uba Wanse Ko Amahoro Asasagara Mugihugu. Abibaza Ko Bazanywe N, Imtambara, Ko Ariyo Izobagumizaho Barihenda ( Au Contraire )
18 Mukakaro 2015, 18:18, par Salvator
Ivyonivyiza Turabishima Kuko Ntakujamumatora Atariyo Abanywanyi Turabashigikiye%
18 Mukakaro 2015, 18:43, par Scott
Wambie wapumbafuuu
18 Mukakaro 2015, 18:46, par Gérard
Non mwarimwarindiriyiki?kubonamatorayambere ababanamwarih?uburermwavuyemugacerer?shakamwireker imana izobimubaza
18 Mukakaro 2015, 18:53, par FABIEN BOYKA F N L
IVYO.BASABA.NTIVYO.CANE.100%NINCABWENGE.CANE.100%.MUKOMERE.BIZOSHOBOKA.KUNEZA.CANKE.KUNABI.100%.
18 Mukakaro 2015, 19:06, par umuhuza
nimugabanye ivyo musaba nutazabura na kimwe, ahubwo muhurire hagati buriwese mubayaga agire ico aheba nibwo muzoronka inyishu nziza,naho reta mumishikirano ahantu hose ihabwa agaciro kuruta abayirwanya nacane cane ko nta nagacimbiri mwari mwofata aho murwanira hose. rwose muhurize hagati kuko abarundi bararushe n’amagambo y’abanyapolitique.
18 Mukakaro 2015, 19:07, par umuhuza
nimugabanye ivyo musaba nutazabura na kimwe, ahubwo muhurire hagati buriwese mubayaga agire ico aheba nibwo muzoronka inyishu nziza,naho reta mumishikirano ahantu hose ihabwa agaciro kuruta abayirwanya nacane cane ko nta nagacimbiri mwari mwofata aho murwanira hose. rwose muhurize hagati kuko abarundi bararushe n’amagambo y’abanyapolitique.
18 Mukakaro 2015, 19:25, par dd
cane utomoye neza cane turasaba ko Iwo mugabo atumva ko yovyubahiriza kugatekacu twenty abanyagihugu igihugu sica so cnke nyoko ataraho Uzibonerako.
18 Mukakaro 2015, 19:30, par Mayo
NTIRETE MWERA KO NKURUNZIZA YITOZA HAHONYAZWE AMATEGEKO IMBONERAKURE ZAVUZE KO ZITUMESA NONE REKA TWEMERE BATUMESE NTACATUCERA NIKOMERE MUBA SHINGANTAHE!!!!
18 Mukakaro 2015, 20:05, par AIME MUGISHA
TWOSHIMA CANE MUGIHE IVYO BIBAZO VYOTORERWA INYISHU,KUKO TWOCA TURYAMA TUGASINZIRA.MANA UTUBERE UMUHUZA WEW,UTARENGANYA,AMEN.
18 Mukakaro 2015, 20:10, par fatukobiri
Komeramutama,arikombaze,abobahuza,canke,east africa,ntibokorera kurivyonyenevyasabwe kukonivyovyatumye,,abarundi bahunga.
18 Mukakaro 2015, 20:13, par pacifique
nyamukuru nivyo ataraho umuhuza yire amarembe ahamvye saidi djinit
18 Mukakaro 2015, 20:46, par Benyaguji
None bwabu CNDDFDD bwaza buratuvonyorako butubwira ukobwishakiye mumyaka ya 2005 kugera ubu muri 2015 kotumaze gutekeza ubutaribuke bukangara nkatwe bwaribwatekeje nibubanzebwumve ubundibaza kotumaze kubwereka icotubusumvya kukomurabona kobumaze kugera hanze ko icodushaka kobuvuga niconabwo buvuga, raba twebwe dukeneye kumenyesha amakunguko Imbonerakure arabicanyi ubunabo twabategetse kubivuga kandibariko barabikora neza, twavuzeko dukwiye kuvugako Imbonerakure zahawe ibirwanisho none nabo ba DD iyobarinze badusanga iyotwibereye hanze yigihugu nimbaka nabo babivuge kandibarabikora, tubuzeko amatora adakwiye kuba nabo barabisubiramwo bakabivuga, twavuzeko tutazokwemerako Nkurunziza yitoza nabo muravyumvako babisubiramwo bakabivuga, kwifranga ryacu ntakibuza tuzobukoresha icodushaka cose.
18 Mukakaro 2015, 21:14, par B
B
18 Mukakaro 2015, 22:47, par NIYONKURU
MWOSABA IVYO MUSHATSE KU MUHUZA,MUSHIRE IMBERE IMANA YO IDAHENGAMA
19 Mukakaro 2015, 04:16, par emma
emma
yeremiya nyamba bagutumye genda ubabwire ati nkurunziza ategerezwa kwitoza vyanka vyakunda, Kuko abarundi ntacaha tumwagiriza. erega ntimubone ngo mumukuye kunguvu ngomuzoba muhaye uburundi amahoro! ahubwo muzoba mubuturiye.
19 Mukakaro 2015, 05:59, par R.TERRY
Natwe abanyagihugu nivyonyene dushaka kandisagahato nibabikore canke bareke!ndibaza babikoze kunguvu natwe tuzokoresha inguvu mpaka dushike ahotwipfuza kwigihugu cacu gishika.
19 Mukakaro 2015, 06:00, par Kevin
Bwira izontumva zaba gumyabondo n’imbonerakunya zumve zitumvise naho zizokumvira munkono.
19 Mukakaro 2015, 06:27, par Leonidas
Kugeza ubu biragoye kwemezako abobose baharanira agateka kabanyagigu.yaba reta n’abayirwanya.beshi muribo bironderera ivyabo nimiryango yabo.ndabazwa nabanyagihugu batobato bahendwa,bagiyekwicwa ninzara,abandi bamaze kuhasigubuzima,bishinga kwiruka mubitaberekeye,atarugucirinzira abanyabirato.NIBACUBWENGE,BIBUKE AKAHISE,BABONE KURE,HANYUMA BAFATINGINGO.
19 Mukakaro 2015, 07:27, par demobe
Wewe Minani nabo murikumwe mbega ko amatora ari hirya yejo ivyo musaba bizokwirwa ryari muzohindura imbwirizwa nshingiro? Ndababazwa na rwasa muguma mujuragiza iyo akaja mumatora yaba shingamateka ndazi ko yari kuronka ibibanza vyishi bigatuma afasha muguhindura ibintu biciye munama nshinga mateka nayo ibindi vyose muvuga muriko murahonya benewacu mubabesha ngo baje mukiroberi bakicirwayo abandi vagafatwa abari mumashure ivyabo bigahereraho none ko mutajayo namwe muguma mwiyambariye ama koti gusa ugirango sbo bajayo nibo bazotwara igihugu ntimurindiriye babakorere muzoce mubagira nkuko aba DD batugize .
19 Mukakaro 2015, 07:55, par S Paul
None, Petero Nkurunziza yoba yarababujije ko mwitoza ngo mumutsinde? canke mugihugu ntimukwije ibiro; Ikiringo,CENI,Sentare,iryo siryo shingiro ry’ubuzima muriko murahuba rwose humura wongere uhumurize abandi mwoba mwiyumvira kumwe ( Yohani 17:3 )
19 Mukakaro 2015, 07:56, par S Paul
None, Petero Nkurunziza yoba yarababujije ko mwitoza ngo mumutsinde? canke mugihugu ntimukwije ibiro; Ikiringo,CENI,Sentare,iryo siryo shingiro ry’ubuzima muriko murahuba rwose humura wongere uhumurize abandi mwoba mwiyumvira kumwe ( Yohani 17:3 )
19 Mukakaro 2015, 11:02, par ntahomvukiye leopold
JERMI MWARAHENDANYE WE MWAJA MUBIGANIRO NAWE YIBEREYE KWIYAMAMAZA KUKO YARAZI YUKO ATAKIZOVAMWO
20 Mukakaro 2015, 05:10, par kocha
he jeremie duhaye tugutwenga!
20 Mukakaro 2015, 11:13, par NAOMI
JEWE.MBONA.PETERO.NKURUNZIZA.ATUBANGAMIYE.IMANA.IRAMUBONA.NTAKIYINANIRA.
20 Mukakaro 2015, 15:55, par DEO
Aba dd nibavyemere.bariko barondera guhonyanga ibwirizwa nshingiro kugira mumyaka 5 bazobe barihinduye bitwaje ko ryateye amahane,nabo aribo bayatera.haranire ikwirikizwa ryibwirizwa nshingiro.