Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yidoga avuga ko urupfu rwamwibagiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yidoga avuga ko urupfu rwamwibagiye

Yidoga avuga ko urupfu rwamwibagiye

lundi 28 Ndamukiza 2014

Umutama w’imyaka 179 ariko yidogera urupfu ko rwamibagiye. Abavukanyi, uruganwe, abazukuru n’inzukuruza bose barapfuye bamusiga kw’isi.

El Indio yavutse kw’igenekerezo rya 06 Nzero 1835 i Bangalore mu gihugu c’Ubuhindi. Yahavuye yimukira ahitwa i Varanasi mu gisagara c’ico gihugu nyene, hari mu mwaka w’1903, yagumye akorera muri ico gisagara gushika akukuruke mu mwaka w’1957 afise imyaka 122.

El Indio Mahashta yatowe n’ishirahamwe Guinness Records ko ari we muntu wa mbere aramvye kw’isi. Uwo mutama avuga ati : "Ndaramvye, abuzukuru n’inzukuruza zanje bapfuye kera, ahubwo jewe mbona ko urupfu rwanyibagiye, emwe nta n’icizere co gupfa ngifise".

Abize ivy’uguharura n’ingereranyo (Statisticiens) bavuga ko umuntu afise imyaka irenga 150 ataba akibaho, ikitavuzwe ni abafise iyishika 170. Kuri ico, El Indio avuga ati : "Ahubwo jeho sinzopfa (Immortel) canke ndi ikindi kintu ntazi canke kitaramenyekana."

Ikinyamakuru WorldNewsDailyReport cemeza ko impapuro zose zihari zerekana ko ivyo uwo musaza avuga ari arivyo.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • imana niyo ishobora byose ishatse iguha kuramba canke nturambe ivyovyose ibiyita abahinga bavuga ngo umuntu ngwamara imyaka iyiniyi bamenyeko arukwivanga muma banga y’imana imana kandi niyo ipanga ubuzima bwamuntu wese merci

  • Yoba agifungura?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.